STEVEN AND LILIAN PART 14

STEVEN AND LILIAN

STEVEN AND LILIAN PART 14

Nje:wapi subukomando sha!amahirwe mfite nuko abavandimwe banje bazaba badahari!

Karim: hhhum!sha nje ndumva wancanze kabsa! Ariko se wambwiye mn ko nshobora kugufasha! Erega nanje umenye ko bankuye kuntebe nari nicayeho! Nje: sha wapi wowe humura uzaba ubona ivyo nzakora! Karim: ese basi ntago twakorana!? Nje nti: reka ningukenera uzumva ngutumyeho tu! Ubwo nahise nsohoka mu modoka ndagenda!
Ntakindi nakoze nahise nja murugo iwanje mfata ca gikapu kirimwo inoti mpita nja kuri kampala coach ntega ija mpita ntega zimwe zigera kumupaka wa goma na gisenyikuko numvaga ntahandi nshaka kunyura.
.
Ubwo urugendo rwabaye ruhire bidatinze nza gusesekara mu mugi wa gisenyi, mpita nja hahandi twabaga mbere ntaraja mubugande.narahageze nsanga hafunze mpita nica ingufuri ndinjira gusa nagezemo imbere mbona harasukuye neza , mbese bimeze nkaho hakibamwo abantu,bitewe nuko nari naniwe nahise ninjira mw’imbere nirambika kuburiri ndasinzira.
Hashize umwanya nakangutse lilian andi hejuru ntumbaze uko yahageze! Nahise ngwa mu kantu mpita mubaza nti: yewe yewe ugeze hano gute!? Mbona umukobwa atangiye kurira, mpita mubwira nti: have wirira sha, lili kuko nje ubu ndaboba iki Atari igihe camarira!
Lilian: sha steve, kuberiki watinze kugaruka!? Nanje nti: ahubwo se wowe waruzi ko nkiriho!? Nawe ati: yego nyine, hari ikiragi c’inshuti yanje gikorera papa, nico cambwiye ko kitakwishe! none nahoraga hano ngira ngo ndebe ko nkubona ariko nkakubura! Ahubwo se steve! Nanje nti: iki!? Nawe ati: divine ko namubuze hano ntiwaba uzi aho ari!? Nje: sha nyine ico kiragi nico kimufite aba kwa nyina waco!
.
Lilian: nonese steve! Ufite mugambi ki! Nanje nti: ntureba ico gikapu kiraho!? Nawe ati: yego ndakibona! Nanje nti: gifungure! Ahita afungura abonye ibintu birimwo ahita agwa mukantu, ndetse ahita ambaza ati: yeeeh! Steve aya mafaranga yose wayakuyehe!? Naje nti: uwo niwo mupangu wanje! Nawe ati: yeeeh! nyine se wayakuyehe! Nje: nyine nkimara kurekurwa na ca kiragi…blab la bla …mubwira uko vyagenze kose ngiye kumva arambajie ati:nonese aya azagufasha ate!?
Nanje mpita mubaza nti: niko se lili! Nawe ati: karame steve! Nanje nti: witeguye kuba umugore wanje iteka ryose!? Nawe ati:sha nanje nivyo nifuza kandi ndumva ntacabihagarika! Nje: harya lili! Nakubwiye papa wawe uwariwe!?
Lilian: ngo! Papa uwariwe!? Naje nti: papa wawe niwe uri inyuma y’urupfu rw’abavyeyi banje ndetse yikubiye nimitungo yari iyacu yose! niyo mpamvu niyemeje guhemukira abantu babigizemwo uruhare bose nubwo ntarabamenya bose!
.
Lilian: Yeeeh! Ariko se urimwo kuvuga ibiki!? Nanje nti: harya sinakubwiye umusore twahuriye munzira akampa lift witwa karim!? Nawe ati:yego! nanje nti: uriya yampishuriye vyose ndetse… bla bla bla… nkomeza kumubwira uburyo nasanze se ari inyuma y’urupfu rw’abavyeyi banje! Gusa nabaye nkivuga numva igitanda catose mpagurutse ngo ndebe ibija mbere nsanga lilian yarize amarira atagira ingano!
Nabonye lilian bitamworoheye ndekeraho sinakomeza kuvuga ahubwo ntangira kumuhoza mbonye agabanyije mpita mubaza nti: nonese lili! Urumva ninihorera kuri so, nzaba nkoze nabi!? Nawe ati: vyihorere sha, ubwo se nje urumva nishimiye kugira umuvyeyi nkuriya,maze nanje nzagufasha!
Nje: yeeeh! Ubwo se urabona wamfasha kurimbura so!?
Lilian: umva sha!ubwo se nje iyo ntamugira mba ndimwo kurira amarira angina atya!?
Nanje nti: eeeh! Ubwo nyine ariya mafaranga nayapangiye guhorera abavyeyi banje!
Twakomeje kuganira nje na lilian ndetse igihe kiza kugera arataha, birumvikana ko ntari kumuherekeza kuko ntashakaga ko abasore ba se wa lilian bamenya ko nagarutse mugace! Ubwo lilian yaratashe nanje nsigara murugo ntangira gutekereza kuvyaha se wa lilian yankoreye nkumva birandenze ndetse binyibutsa nukuntu mushiki wanje yashimuswe azira urukundo rwanje numva umujinya n’agahinda biranyishe.ivyo vyatumye mfata phone mpamagara vya binimero vyampamagaye divine yashimuswe ngiye kumva numva telephone irimwo gusonera munzu yanje.
Nikanzemwo ariko ndongera mfata phone ndayihamagara nkomeza kumva irimwo gusonera munzu ndahaguruka ndayishaka ngiye kubona mbona ni phone iri ahantu muri salon ndevye neza mbona ni phone ya double sim ndayifata ndayitegereza, gusa icantangaje nuko indi simcard yaririmwo ariya Clarisse, nabanje kugira ngo ndimwo kurota.

Ntakindi nakoze nahise mfata phone yanje mpamagara nimero ya Clarisse ngira ngo ndebe ko naba ndimwo gusoma imibare nabi,gusa ngiye kumva numva koko niyo isonye. Vyaranyobeye nkibaza uburyo iyi nimero yaba yarageze muri phone ya Clarisse bikanyobera.
.

Kumutima nkibaza nti: ese Clarisse yaba ariwe uri inyuma yishimutwa rya divine!? Nkongera nti hoya nanone ntiyabikora! Nkomeza kwibaza kuri Clarisse cane nkibaza ukuntu yaba yarashimuse divine ariko nkumva ntaco yaba agamije.
Nabonye ibintu bikomeje kunshanga ngezaho ndasohoka ngira ngo nje kubaza Clarisse nimba koko yaba ariwe washimuse mushiki wanje,gusa nabaye nkifungura urugi rwinzu nari ndimwo mbona umusore umwe mubahungu banzaniye divine cagiye imodoka yanyuzeho itwaye divine! Muravyibuka cagihe Clarisse ategeka abasore be kwiruka kumodoka bakanzanira divine!
Ubwo namubonye arimwo kuza agana kumuryango wanje, dukubitanye amaso ahita yikanga asubirayo yiruka,nanje nta kindi nakoze nahise mwirukaho kuko nabonaga asa naho ahuriye na phone nari nsanze munzu yanje!

.ESE KOKO CLARISSE NIWE MUHEMU!
.STEVEN KO ANTEYE UBWOBA!!!

NTUCIKWE PART 15

Advertisements

5 responses to “STEVEN AND LILIAN PART 14

  1. Pingback: STEVEN AND LILIAN PART 13 | Dusabane Magazine·

  2. arikose noneho ko bincanze nangera! steven se azakora iki mana yange? sinababwiye ko clarisse ariwe urinyuma yishimutwa rya divine, steven se ko amutibikanye ntirabamubona bakamuhitana? ahaaa!

    Like

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s