RWAGIYE HE EPISODE 8

img_0853-7

Episode 8
★★★★★★★★★★★★★★★★

Duheruka Steve ari munzira aja kuba Nina aho yahuye…..
Tubandany……..
Nuko Steve muguhindukira abona ni Linda Uje umusanga….
Linda & Steve
Linda: Bite Steve ….Waje ryari koko?

Steve: Ni sawa…Ntamasaha 4 aheze ngeze ino,!!
Linda: Yooooo,Steve waravyibushe..usigay uri munini..
Steve: Urakoze….None se muraherukany na Nina?
Linda yumvise uko Steve amubajije,yibutse vyinshi kuri
Nina…anabibwira na Steve uko vyagenze vyose..Ahita
anamuha rya kete yasiga…..
Yooooo,Steve yabaye nkuwutay inguvu kuko atumva uho
azosubira kubona uwo yahebey umutima wiwe akaramata……
..Yaraziko agiye kuraba Cherie we mugabo bamugaruriy
munzira nuko yasubiye inyuma ataha iwabo….

Nuko Steve mukugera iwabo yafashe ry’akete arasingura
gusoma ati
«“Nonaha Ndafashe urupapuro nandikira wwe nakunze..kandi
nziko uzokwama mumutima wanje….Steve ivyo wambwiye
vyose vyangumy mumutwe,Ivyo wanyeretse vyose
narabibonye,Ivyo wankoreye vyose vyari ivyiza gusa nico
gituma rero kukwigira bizova kure…..Wampaye agaciro
mubandi bakobwa bose wahuye nabo…..Arinavyo biriko
biratuma ubu mbabara kumutima kubwo kubura wwe wampa
agaciro ntoshoboye kwiha!!……Steve sinarinziko uzogaruka
ugasoma rino kete..Kuko ivyakubayeko narabibonye….

Narinziko naryandikiye uwapfuye…Ariko IMANA irampaye
urarisomye…….Steve haheze imisi 4 ugiye Papa nanje yaje
kundungika mugisagara ngo njekwiga amashure
yakaminuza…….Cherie wibuke isezerano ryanje nawe nuko
tuzobana muri yanzu tuzoba twubatse aho iwacu…Kandi
ndagusavye uze ubigenze nkuko twabivuganye…I lo e u so
much….”»
Yooooo,Steve yaje guheza gusoma amosozi yamutanze
murupapuro…Yumvise urukundo arwanse kuko uwo yikundira
atakiri hafi…Yabonye kwatakundi yogira arihangana….
Nuko bwarakeye , aho Nina bwaca aja gutangura
kaminuza….nuko yageze mukigo abona hari abana bubwoko
butandukanye abakobwa abahungu………..

Hari abaje gutangura hari ,abaheza….,….Nuko Nina hari
umukobwa yegerey amubaza ako vyifashe ngaho…
Nina: bite vyawe?

Kobwa: Nisawa…
Nina: Je ndimushash hano nashaka ndakubaze ahari
uburaro….
Kobwa: Ooooh,Nanje mfise ikibazo nkicawe kuko nanje
ndimushasha hano….
Nina: Eeeeeh,nawe uri mushasha?
Kobwa: Ego..ndahamaze amasaha abiri…
Nina: aaaah ok, reka rero dufatanye umugambi wo gushakisha
aho tworara!!
Nuko bafashe akayira baja mukigo indani bagenda batera
inkuru yiyo bazanany niho baza kubona ahari uburaro
bwabakobwa nuko barinjiye banabaye abagenzi….abahita
banashima kurara mucumba kimwe nuko banabandanya
numwidondora aho uwo mukobwa yari yitwa Ange….
Nuko amasaha yaragiye burongera buraca…aho Nina na Ange
bavyukiye muri Douche bitegura kuja mwisomero
mugatondo…kuko batari bwanabone neza aho bazigira..bateg
erezwa kujana…bakanagumana kugira bataza kuburana ngo
bayoberwe iyo baryama………..nuko bagiye kurondera ahari
ishure bategerezwa kwinjiramwo….bari munzira bagenda
bahuye nabakobwa babiri babaza iyo mashure yerekeye nabo
barabarangira……Nuko bagiye kubona aho bagiye
kwigira…..Banahashitse ivyirwa bigira bitangure…bahita
binjira biratangura……..

Tugaruke mucaro aho Steve nawe yategekanya gusubira
kukazi….Nuko nawe yasezeye Mama we ahita afata imodoka
arasubira kukazi…..
Nuko Steve yasubiye kukazi bahita banamuha nabasirikare 5
bamucungera……Eeeeeh,ubanze Steve atanguye
gukomera….Nuko ubuzima bwarabandanye Steve ari nako
aguma akomera mugisoda akanaba ni ntwari kurugamba…aho
Nina nawe yarari amashure abandanya amubera meza
gusumba be numugenzi we Ange aho baje kuba incuti
zikomeye bakaja baranasohokana na bandi mubutambiro ariko
naho baja mubutambiro Nina ntiyavyishimira kuko yumvako
harico abuze mumutima……
Nuko umusi umwe mukigo aho bariko bariga haje kuza Derrick
avuga ko aje kurondera Nina……Nina yagize ukwikanga
kukuntu Derrick amusanze mukigo cishure………yagomvye
kwinyegeza ngo Derrick ntamenyeko Ari ngaho kuko Nina
ntiyigeze yishimira Derrick Atari abavyeyi be bamushimye ngo
nuko Papa we ari umurwiza tunga…..Nina yapanze Ange ngo
agende abwire Derrick ko atariho ari…Nuko Ange yarasohotse
abesha Derrick nkuko yamubwiye…….Ange Ahita asubira
mukigo kuraba Nina ahita amufata ukuboko amutwara
mucumba……

Ange & Nina
Ange: Ariko se Nina wwe warasaze??
Nina: kuberiki se Ange?
Ange: Ushobora kwanka kwitaba umuhungu mwiza nkurya
mbonye gute?
Yoooo, Nina yiganiriye ange uko ubuzima bwiwe bwose
bwagenze amwiganirira nuwo yakunda anamubwira nuko baje
guhura ana Derrick…..amubwira nuko yaje kuza muri kino
kigo…
Ange mukwumva uko vyagenze yara muhumurije ariko
anamubwirako yosanga Steve yarapfuye…..
Nina ariko yanka kumwumva kuko wwe yumva umutima
utavyemera ko yapfuye………..Nuko igihe caje kugera Steve
kugarura amahoro mukindi gihugu……asiga Nina asigaje
Umwaka umwe ngo aheze amashure yeee yakaminuza….
Nuko Steve yaje gufata indege aja kurugamba….asiga
arungikiye ikete Mama we…..Nuko bohereje ikete kugera kwa
Mama we……Mama we mukubona ikete aratabura uziko
yarazi nogusoma atangura gusoma ati ”« Mama wambaye hafi
umbera umuvyeyi mwiza umpa intumbero yubuzima ariko
nonaha ndako ndaja murugamba aho ngiye kugarura amahoro
mumakungu….Mama ndagusavye wihangane nzogaruka….um
babarire kubona ngiye ntaje kukuraba ariko nzogaruka…….»”
Mama Steve muguheza gusoma yahise ar……………………….
……
………………………
……………………………..
Eeeeeh, Mbebasha Mama Steve abaye iki ko umengo dusize
harico abaye?
Mbe Nina ko Ange ariko aramuhanurako yokwibagira Steve
ubwo ntazohava amwibagira kandi akiriho??

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s