RWAGIYE HE EPISODE 2


img_0853-1

RWAGIYE HE?
Episode 2
★★★★★★★★★★★★★★★★★

Nuko duheruka Steve ariko arasoma ryakete
« Steve mukundwa wewe mbona nkumva umutima
uraruhutse…..Nari niteka ryokugusaba ikintu kandi niwa
nyemerera biribuze kuzombera Ikimenyetso ntazibagira
mubuzima…..Steve ndakwinginze ejo uzoze muhira kuko ari
umusi mukuru wa mavuko yanje!….Nipfuzako utosiba kuko
niwahagera uzoba unteye agateka……murakoze»

Steve yiyumvise ko ari umuntu wagaciro mumaso ya Nina…..
Steve yahise avangaho yiruka asanga Nina ariko arataha niko
guhita amuhamagara “Nina” …..
Nina mukumva ijwi rya Steve yagize ukwikanga…..ahita
ahindukira bose bateye intabwe begerana….
Steve & Nina
Steve:Umbabarire rwose……..
Akivuga uko Nina amusamira mukirere ati“Oya Steve
ntumbwirako utazoza”
Steve: No!!..Nina oya sivya narinje kukubwira…..Narinje
kukubwirako Nanje ndagukunda….kuko urukundo unyereka
rurandenze…..

Nina yabuze ico arenzako kubera ivyishimo ahubwo
ahitamwo kumurwa munda….yongorera Steve ati«Koko Steve
ivyo urikuvuga nivyo canke sivyo?»
Steve:Erega naje naragukunda…..!!
Bararekuranye basankaho bose bishimye…..
Bahita bataha…..Nuko Nina yatashe ivyishimo ari vyinshi
mumutima….
Na Steve ahoyarari ntiyari yorohewe….yaguma yibuka uburyo
Nina yamuguye munda……
Yumvise nawe urukundo rumwuzuye….yumva yishimiye
intango y’urukundo rwabo….

Nuko Steve yageze muhira iwabo asanga Mama we
arikurondera utwobarya nijoro….Niko guhita ajagufasha Mama
we kuronde ivyo bafungura narirya ariwe mwana yarafise
wenyene….arinawe bibanira….Papa we yari yaritavye
IMANA…..
Mama Steve yarishimira ingeso z’umuhungu we….akabonako
umwana we azokwitaho uwo bazoshimana…….
Bwarakeye nuko Steve yaje kwitegura ngo a have aja
murubanza kwa Nina……Anamutegurira ni Cadeau aza
kumushira………
Turabona Kuba Nina naho imyiteguro yari yose……aho Nina
n’abavyeyi be bari kumeza bari kunywa icayi…..
Papa + Mama (Nina )+ Nina
Papa nina: Mwana urabona ko uyumusi ari umusi mukuru
w’amavuko ya Woba wibutse gutumira abagenzi bawe??
Nina:Papa ntugire ikibazo…..barazakuba bahari….
Mama Nina:Eeeeeeeh,Mbe Cherie babashitsi baza kuva
mumuji bashika ryari???

Nina:Eeeeeeeh,Mama tuzakuba dufise nabashitsi bazananye
mumuji??
Mama Nina: Ego mwana, mubashitsi baza kuza harimwo
numuryango wabarwizatunga twabanye kera kandi umuhungu
we ni umurwiza tunga….akaba ariwe twipfuzako
muzorushinga….
Nina akicumva ayo majambo ya Mama we yumvise umengo
bamusokoye umutima wose …..ivyishimo yari yararanye vyose
yumva umengo barabimwatse…..
Nina: No!!!!Mama ivyo navyo nibiki???
Papa Nina: Eeeeeeh, Mwana avuze ko umuhungu yitwa
Derick…wumurwizatunga twakuranye…niwe twipfuzako
azogutwara mukibanira kuko nawe ari umukire….
Nina amosozi yamutanze hasi Ahita aja mucumba
kuririrayo….
Papa we na Mama we basigaye bariyumvira ico yoba
abaye…..

Nina yarababajwe nokumva Abavyeyi be bagiye
kumuzomutanga kumuntu atazi atanishimiye…kuko yari
yifitiye uwo yakunze……
Yoooooo, Tugaruke kwa Steve aho yariko arategura uduhuzu
aza kwambara agiye murubanza kwa Cherie we….
Nuko amasaha yarageze,urubanza ruratangura aho rwari
rwitabiriwe nabantu benshi….
Aho Nina nawe yariyicaye ariko asanka atavuga arikwibaza
kuvyo Abavyeyi be bamubwiye….,…yarikumwe na Linda incuti
ye magara…..
Linda & Nina
Linda:Nina kuberi none utishimye kandi uziko uyumusi ari
uwawe??
Nina: Linda nakoziki koko kugira nze ndahura nibigeragezo
nkibi??
Linda: ivyahe ga Nina ??
Nina:aaaah raba nkubu Steve ntarashika……Papa nawe NGO
bamboneye uwundi muhungu tuzobana…..
Linda: NGO ??…..Oya Nina wihangane Igikuru n’umutima niwo
uzokwereka inzira nyayo…..
Bakiriko barayaga hari imodoka zaza…..

Mama Nina yaje guhamagara Nina NGO aze yakire abashitsi
bazanany mumuji….Ariko Nina yanka guhaguruka abwira
Mama we ko yumva atamerewe neza…..
Nuko Mama we yagiye yakira nyabashitsi harimwo nawa
muryango bamye baravuga wabarwizatunga……
Barashitse baricara….haheze akanya Steve yarashitse
bisankaho ariwe Nyene Umusi mukuru yararindiriye……
Nina mugukubita amaso Steve umunezero uragaruka ahita
ahaguruka aho yari yicaye abantu bose bariko baramuraba
ahita yiruka aja kuyambira Steve ……
Nina &Steve
Nina:Chu kowari watevye uzi ukuntu nari nakurindiriye…..
Steve: yooo,Wihangane kuba nacerewe kuhagera….
Abaraho bose bitegereza agahungu Nina ahagurutse agiye
kwakira bose barwa mumazi……baraba ukuntu yari yambaye
Se na Nyina bagira ubwoba bwuko yoba akundanye nako
gahungu…..kari kambaye impuzu zitanagoroye……

Yoooo, Steve nawe siwe nuko iwabo bari abakene,Gusa bari
bafise umutima wurukundo…..
Nuko amasaha yarageze yo kumanyura Cake ……Bahaye
imbugita NGO amanyure Cake ahe abantu batatu akunda
cane mubuzima bwe…..
Nuko agifata imbugita
Papa we amwongorera ati«Mwana ndaziko mu bantu ukunda
babiri ni jewe na Mama wawe….uwa gatatu azekuba Derick
kugira je numuryango we ubucuti bukomere……
Nina yaravye umuntu bari kumuhatirizako yumva
yishwe…..Yongera aterera akajisho kuwo yakunze Steve…..
Ahita atangura gukata Cake….agiheza gukata agapande
kambere……….agihamagara izina rya mbere abantu barwa
mugahundwe……………………………………………………….
Eeeeeeh,MBE basha yoba ahamagaye NDE kombonye abantu
Bose baguye mugahundwe……………..

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s