RWAGIYE HE EPISODE 4

img_0853-3

RWAGIYE HE?
Episode 4
★★★★★★★★★★★★★★★★

Duheruka Nina na agira ajane na Mama we tutazi iyo
berekeje…..
Nuko Nina yuriye imodoka akicurira Mama we yarasohotse
ava kuri vola……Nuko yahamagaye umukozi yara jejwe ivyo
murugo agira ivyo amubwira mwibanga….gusa ICO twabashije
kwumva nuko yavuze ati«Ntubwire Papa Nina iyotwagiye»
Nuko yakije imodoka baragenda ariko uko bagenda Nina
yagenda aramubaza ati
Nina & Mama we
Nina:Ariko Mama ntiwambwiye iyo tugiye!!!

Mama: tuza mwana turi mukuhagera naha hafi gato…
Nina agatuza ariko akabona bamaze kugenda urugendo rutari
ruto bava muhira iwabo….Nina yaragnguye abonako Mama
we ariko aramwomokana amuvana iwabo….Nina atangura
kurira abaza ivyo Mama we ariko aramukorera…..Mama we
yanka kumwishura iyo….Nina yabandanije arira yiyumvira uko
azosubira kubona Steve…..

Nuko harageze barahagarara ……Nina yari yanamaze
gusinzira kubera urugendo rurerure……nuko Mama we
yaramuvyuye Nina mukuvyuka araba ahantu ari abona ibizu
binini bimeze nkama hinguriro yibintu
atangura kwibaza iyari abona abantu bakora ibikorwa
biruhisha rwose…Niko kubaza Mama we ati«Mama ahaturi ni
hehe?»
Mama: Reka twinjire indani ndakubwira ahariho….
Nuko binjiye indani mukugerayo Nina yabonye amafoto ya
Papa we ngaho indani amanitse impande zose zurwo ruganda
rwakora ibikoresho vyokubaka amazu meza meza……

Nina: Mama none kombona ama foto ya Papa ngaha indani
nibiki??
Akivuga uko Nina yabonye haza abantu baje kubakira
babereka aho bashikira…….
Mama: mwana ibibintu vyose ubona ni vya Papa wawe…..
(Nina yagize ukwikanga)
Nina: nivya Papa gute??
Mama: nivya Papa wawe yaronderew nabavyeyi be….murivyo
rero akaba yampaye ihinguriro rimwe muraya yose ubona
hano!!!….Reka tuje mwihinguriro ryanje ngire uwo
ndakwereka….
Nuko bageze indani mwihinguriro….Nuko Mama Nina yeretse
Nina umuntu wumugabo amubwira ati«Mwana raba urya
mugabo wongere umwihweze ndaza kukubwira hanyuma
niwaheza kumuraba»
Nina yihwejeje umugabo uko ameze ….abonako yari umugabo
yarajejwe gukora isuku muri iryo shirahamwe….
Nuko barasohotse bagera kumodoka yabo…..kandi yari
imodoka nziza cane yabakire…..mukugera kumodoka
Barinjiye indani mumodoka….

Mama & Nina
Mama: Nina mwana wa……Nagerageje kukwereka ibintu
vyinshi ntaja ndagusigurira….
Nina: ego Mama ntiwambwiye igituma!!!
Mama: Nina…..wabonye urya mugabo nakweretse urya iyo
ndamubonye numva umengo umutima uraturitse…..Mwana
urya mugabo uwabonye urya niwe muntu nakunda mubuzima
bwanje nabonako atacomunyaka….Abavyeyi barantuka kuko
babonako ataco yari yifashije…atanico yarikumarira…….ariko
nanje sinumva ivyo bambwira kuko naramukunda
rwose…..ariko bakaguma bampatiriza kuri Papa wawe
kuberako yari umwana w’umukire…….Ariko sinari nishimira
Papa wawe kuko naranka nkatinya abasoda……Ariko kubwo
abantu babakire bakora ico bashatse kw’isi Papa wawe yaje
kugomba kwagiriza icaha c’ubusuma urya mugabo wabonye
harya indani bahita bamutwara mugasho….aho yamazeyo
imyaka 20…avayo asanga Nara gize marriage na Papa
wawe….ariko naje gutahurako ivyomfise ubu atavyo we
yarigushobora kumpa……

Nina: none se ushatse kumbwirako Steve ataco azomarira….
Mama: ego mwana….muhebe wemere ukundane na Derick…
Naho ubundi Steve uzohava umutemeza ingorane Papa wawe
amwicishe..
Nina : Mama ngwiki…..naho mwogira gute…..naho wanyereka
ivyiza binga uko bingana ….ntakiruta Steve we mutima
wanje….

Akiriko aravuga uko Mama we yamuhaye ikofi…..nishavu
ryuko yaje kumwereka ibintu ngo atahure uwo akwiye guha
urukundo ariko akaba avyanse….
Nuko Mama we yakije imodoka bahita basubira iwabo nuko
mukuhagera bahageze bwije rwose….Mukugera murugo
iwabo..Nina hari umukozi yamuhamagaye….amuha agakete
amubwirako ari Steve yakanditse..Nina yagize ukwikanga
yibaza ko Steve yoba yarungitse agakete ko kuba atarihafi……
Nina yinjiye munzu yiruka aja mucumba afundirura ikete
mugusoma asanga handitse ko ati« Nina mukundwa
nabonyeko ntorara ntabikubwiye kuko ahondi ubu umutima
wanje urishimye rwose kubwo kuronka akazi mumuji….ndate
gekanya ko mundwiza nzoba ngiye gutangura akazi»

Yooooo,Nina yumvise yishimye rwose…..yishimira Steve ko
agiye kuronka akazi ariko agira umubabaro ko batazosubira
kubonana….
Nuko tugaruke kuba Steve aho yariko aravugana na Mama we
umuvyara uko bishimiye kazoza kabo….Steve yashimiye
Mama we kubwo kuba yara musomesheje
……..
Ariko Mama steve yararize kuberako agiye kwicwa
nirungu…kuko agiye kwibana wenyene…..ariko Steve
yamubwiyeko azoza araza kumuraba…..
Nuko bwrakeye Nina yagiye mugatondo yishimye
rwose….yageze kuba Steve ashika arwa munda igi Cherie ce
Steve kuko kigiye kuzuza indoto ze….Nina yara
muhaye congratulate…. Bahita baja kwinerererwa…aho
yamusohokanye aho vyari bikwiye ko boja kuko amahera
yara bonako bagiye kuyaronka……
Nuko barakinye ,baratamba,baranwa,nivyishimo vyishi
vyurukundo….
Steve & Nina
Steve: Bébé uriyumva gute ??

Nina: honey ndishimye….ariko ndanababaye kuko ugiye
kunsiga jenyene….
Steve: Baby ntivyoshoboka mfise umutima utoshobora
kwubahuka kuguta….nzakwamiza kumutima aho nzobandi
hose….
Nina: Oya Cherie wewe ndabona uzampemukira…
Steve: Cherie oya ntavyonzokora…..
Nina yipfukeko Steve atomusiga….yararize ariko Steve aguma
amuhumuriza…….
Baratashe Steve yageze muhira iwabo asanga Mama we agira
aje kuryama kuko bwari bwije….
Nina nawe mukugera murugo iwabo Mama we yanka ko
yinjira…kuko umusi wose wari uheze atari murigo….Nuko
Nina yagumye hanze akanya gato….haheze akanya ubwoba
buramutera ahita afata …anyaruka no kuba Steve…..
dodododo….Steve yaragikanura niko guhita avyuka aja kuraba
umuntu ariko aradodora mukugurura asanga ni Cherie we
ariko aradodo….Steve yagize ukwikanga….
Steve & Nina
Steve: Cherie Nibiki kurihano??

Nina: Baby numvise nashakako twogumana…
Steve yasohoye intebe hanze kukwezi bahita biyicarira
aho hanze batera inkuru…Nina ari mugituza ca
Steve….Haheze umwanya Nina ati« Baby numva nshaka
kuryama»
Steve:Steve atangura kwibaza ingene baryama…
Niko guhita amutwara munzu amutwara mucumbace ataco
agamije kugora….
Yamugejeje kugitanda ahita agomba gusohoka…ariko Nina
amufata ukuboko….amwikwegerako….ariko Steve akabonako
bahava bakora ibindi bintu…Nuko Nina yongorey Steve
mumatwi ati «Baby nyegera tumarane ijoro nawe»
Steve yegereye Nina……Nina ahita atangura gukuramwo
impuzu ze yereka uburanga bwe Steve…Bahita batangura
gusomana bisa nkitazohera uko…….Gusa iconzi iryo joro
ryabaye rirerire
Mama Steve yaravyutse kare mugatondo avyuka ahamagara
Steve ..NGO avyuke ariko ntiyumva Steve yishura Niko guhita
aja mucumba kwa Steve akigera mucumba kwa Steve
yara……………………………
………………..
……
Eeeeeeeh,MBE basha nibiki Mama Steve yoba abasanze
baryamanye na Nina??

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s