RWAGIYE HE EPISODE 5


img_0853-4

Episode 5
★★★★★★★★★★★★★★★

Duheruka Mama Steve ahamagara Steve ariko akumva atitaba
Niko guhita yinjira mucumba kwa Steve….
Tubandany…………
Mama Steve yageze mucumba kwa Steve asanga Steve
ntawuri mucumba…..Niko kwibaza iyo yazindutse aja
arabura…..

Nuko turabona muraho gatondo nyene Nina yicaye muri Salon
iwabo asa nuwuvuye muri douche….Mama we yaraje asanga
Nina aringaho….atangura kumubaza iyo yaraye ariko Nina
ntiyamwiahura…..Bakiri murayo Papa Nina aba arasohotse
ava mucumba ati«Eeeeeh, mwana wa nijoro kontakubonye
warihe??
Nina atarishura uko vyagenze….Mama we nubwoba bwinshi
abaratanganije ati«Erega wewe watashe bwije wasanze
yaryamye…..ahubwo Nina ingohano gato iconkwereka….»
Mama Nina yafashe Nina ukuboko amutwara
mucumba…mukugera mucumba Mama Nina atangura kubuza
Nina kuzobwira Papa we ko bigeze baja kumahinguriro yabo
kuko abimenye vyamugirira ingaruka mbi!!!!……

Nuko tugaruke kuri Papa Nina aho yari yiyicariye hanze ariko
arasoma igitabo ubanze yarakunda gusoma muga akaguma
agira amakenga kumwana we kubwo kuba amaze imisi
atamenya amakuru ye……Niko guhamagara Nina…………Nina
yaraje yicara haruhande ya Se…..
Papa & Nina
Papa: bite mwana wa?
Nina: Nisawa Papa!!
Papa: mwahejeje kuvugana na Mama wawe ico
yaraguhamagariye?

Nina: ego Papa!!…. None se Papa nivyo warumpamagariy
NGO ngende kubandany akandi kazi…??
Papa: Ego mwana…nari nipfuje kumenya uko umerewe …!!!
Nina:merewe neza Papa!!
Ariko uravye uko baganira be na Se vyasankaho hari ivyo
bariko barahishanya….Nuko Nina yasubiye munzu…
Nuko dusubire muhira Ku Steve aho yaratashe tutazi iyo
avuye….Mukugera muhira iwabo asanga Mama we…Aryamye
asa nkuwurwaye Steve yagize ukwikanga atangura kubaza
Mama we ico arwaye!!
Steve & Mama
Steve: arikose Mama kuryamye ay’amasaha ubwo nturwaye??
Mama: Eeeeeh mwana wa waje?? Nari nagize ubwoba ngo
igisizimwe caray kigutwaye…sije mbonye ndakubonye….
Steve: Oya Mama narimvuye….Kurondera impapuro zemeza
kuzokora akazi..!!!
Mama: Ego mwana wa ariko ndumva ntamerewe neza
….kandi nawe ugiye kunsiga none se nzobaho gute…kovyanse
ko ngira ico nkoze…..
Steve: Oooooh, Mama Reka ndagutware kwa muganga
bakuvure none!!!

Mama: Oya mwa ahubwo Imbere yuko ugenda reka manze
ngire ico ndakwereka….Genda unzanire kaka varize kari musi
yigitanda ngire ico nkwereka mwo!!!
Yooooo o, avuga nkaho umengo ararevye rwose……
Steve :oya MA….reka manze ngutware kwa muganga uzo
urabinyereka…..
Mama: Oya mwana…Numva merewe neza gusa nuburuhe
bwimyaka myishi…ariko nari naguhishije mvyishi ariko
nyemerera uno munsi ngire ivyo ndakwereka..!!!
Steve yumviye uwumuvyara aja kuzana ya varize ……Nuko
yarayizanye Mama we yaravyutse aricara atangura kugira ivyo
amwereka ana mubwira..!!!!!
Mama: Steve mwana wa…Ngira nkubwire Papa ubuzima bwa
Papa wawe ukuvyara!!!
Untege amatwi hari nivyo yansigiye aja gupfa ngonze nguhe
niwaheza amashure yawe!!!………Ntega amatwi rero!!!
Nuko Steve yicaye atega amatwi!!!
««Papa wawe yari umurwiza tunga wambere kuri buno butaka,
nakano gace dutuyemwo!!!!Uko vyaje kumugendekera arinaco
catumye twiyoberanya tukaza kuba kure yahahora arahi wacu
wewe ntarakuvyara….Nuko Papa wawe yaje kugambanirwa
nabo bakorana mugihe bariko baragerageza kushaka kwubaka
ihinguriro ryivyuma bikomeye mumuji…..Papa wawe rero
yarafise itunga ryinshi cane ariko muri bimwe yarafise
harimwo ivyo bagenzi we bamunyuruje bamaze kumwica!!!!…A
riko akaba yansigiye kano kavarize ngo uze urabe amatungo
yasize kugira uze uyuzurize kuvyo atakoze ariko ambwirako
ntuze wigere ugira umuntu wizera muvyo witanguranye…
..kuko ngo baza bafise iyindi migambi yabo muvyawe….Yish
we Nabo yagize abagenzi munganda ze!!!!!Asi ambwiyeko
atakamaro ko kubamenya kuko wohava uca ugira agatima ko
kwihora…..Nabo bagaca bakwica kuko ari abantu babi rwose!
¡!»
Steve yagize ukwikanga kuvyo Mama we amubwiye…yumva
umubabaro uramwishe akumva yipfuza kumenya abishe Se..!!!

ariko Se yari yasize avuze ko atakamaro kokubamenya kuko
boca bamugirira nabi!!
Steve: None Mama ushatse kuvuga ko aha tuba atariho
dukwiriye kuba??
Mama: Ego mwana wa …kuko ahatwahaje duhunga abashaka
kutwica!!!
Steve: None se twaje tuvahe??
Mama: Twari dutuye hafi yumuji arinaho hari ibisigarira
vyamahinguriro ya Papa wawe!!! Yipfujeko uzo uzoja
kuyasanura agasubira akegukira umuryango wacu!!!
Steve: ubundi ho ngaha murino varize harimwo iki?
Mama: Mwana wa fyonda ibi biharuro bikurikira uca ubona
ibiri indani!!¡!!
Steve yatanguye gufyonda kubiharuro Mama we yariko
aramubwira!!!!
Dusubire gato kuba Nina aho Papa we yariko aravugana
numuzamu uko abona akazi kariko karagenda!!!!
Papa Nina : Zamu we….Akazi kawe ubona kifashe neza!!!
Zamu: ego boss….gusa ikibazo mfise nikibazo c’amasaha
nkwiye kwakirako abantu binjira nabasohoka kuko ejo mabuja
yahatswe kunkubita ngiye kwugururira Nina atashe…!!!!
Papa Nina: ngwiki??… Uvuzeko umwana wanje yaraye
hanze??

Zamu: Ego boss….Nanje sije nabigize ni mabuja yanseko
ndamwugururira!,!!!
Papa Nina yahise ahamagara Nina kandi!!
Nina yaraje asanga se yashavuye…Nina Ati«Papa
urampamagaye?»
Papa: mwana wa waraye hanze kuberiki??.
Nina yarikanze atangura kwibaza uko abwira Papa we!!!
Nina: ego pa…. naraye hanze Mama yarase ko banyugururira!!
!mpita nja kurara kuncuti yanje!!!
Eeeh,tugaruke kuba Steve aho ya varize yari yamunaniye
kwugurura kubera imyaka imaze itugururwa!!!
Steve yabwiye Mama we ko agira aje aho bakata ivyuma
kugira bakate igufuri yaririko!!!
Nuko Steve yafashe akayira yerekeza aho bakata ivyuma!!!!
Tugaruke kuba Nina aho vyakomeye…..
Papa Nina : None se zamu Nina yashitse ngaha sangapi??
Zamu: Nina yaje mugatondo kakare aherekejwe nundi
muntu..!!!
(Nina aho yarari umutima urasimba bimwe biteye ubwoba… .)
(Eeeeeeewh, zamu agira amene ibanga rya Nina!!!)
Papa Nina : Nina mbe uwo muntu yaguherekeje mugatondo
yarinde?

Nina: Papa mbabarira yari Steve yamperekeje….kugira ngere
hano….
Papa weeeee yagize ishavu ryukwumva Nina akivuga izina
Steve mukanwa ke!!umuntu wumukene nkurya atanico
yimumarira!!!
Papa Nina :mwana nkoriki kugira uhebane nakarya gahungu??
Nina: oya Papa…ndagusavye nihagire ico umugirira kuko
ndamukunda cane!!!!
Nina yafukamye atakambira se amusaba ko ataco yokorera
Steve!!!!! Ariko Se yanka kumwumva ahubwo ahita
amubwirako niyo atamwikuramwo azo mwikuramwo aruko
amubona ari ikiziga!!!
Papa Nina yahise aha itegeko zamu ryuko atosubira
kwugururira Nina ngo aje hanze!!!!!
…………………………
………………
……………,……..,….
Yoooooooooo, MBE basha none nkubu Steve agiye gupfa
atujuje iragi ryase kubera umukobwa yakunze??

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s