RWAGIYE HE EPISODE 6

img_0853-5

Episode 6
★★★★★★★★★★★★★★★

Duheruka Papa Nina atanze itegeko ryuko Nina batosubira
kumwemerera ko asohoka…..
Tubandanye…….
Nuko Nina yarababaye kubwo igihano se amufatiye kandi
aziko afitaniye isango na Steve aho bukera ryo kumuherekeza
gufata imodoka imwerekeza mumuji….yumvise ababaye cane
kuko yumva yipfuza kubona Cherie we iryanyuma….
Duheruka Steve aja gukatisha igufuri kubakata ivyuma….Nuko
Steve yakatishije igufuri ahita asubira murugo iwabo yihuta
kugira Mama we agire ivyo amwereka muriyo
varize…..Yageze muhira iwabo asanga Mama we
yaramutegereje………….

Nuko Mama we ikintu yatanguye kumwereka zari impapuro
zivyo bagifise nivyo azoburana……….
Yoooo, Steve yarababajwe nukumva Se yishwe ahorwa
imigambi myiza nkiyo arikubona kumpapuro….
Steve yashimiye Mama we kuko amuhaye intumbero yubuzima
isa niyo yarashaka kugerako yemerera Mama ko azobikora….
Gusa Nina aho yarari ntiyaratekanye kuko yabonako Steve
agiye kugenda batabonanye ….
Nuko Steve ategura urugendo agiye kugira aho yemerewe
akazi mumuji….ariko nawe yumva ata mahoro kuko agiye
kugenda atabonye irya nyuma uwo yakunda….

Tugaruke murugo kuba Nina aho Papa we yari yarakariye
Mama Nina kubwo kubona umwana ararahanze
ntabimenye…..Papa Nina yashwaniye rwose Mama Nina
amubwirako ariko ararya umutima umwana kubwo kumuraza
hanze!!
Ubutigu bwarageze Steve aho yavyutse kare mugitondo yumva
amerewe nabi rwose asa nkumuntu arwaye arinavyo vyatumye
asiba urugendo rwuwo musi….. Ahita afata urukaratasi
n’ikaramu
Yandikira Nina ati« Bite Cherie narintegekanya kugenda
unomusi ariko numva nanarwaye….nkumva ntamerewe neza
kubwo naherutse kakajwi kawe,naya nseko yawe….Iyo maze
umusi ntakubinye numva nosara…Mbese umbonera
nzoshobora kumara igihe nkico ngiye kumara ntakubona….Gu
sa ntaco reka nje kwuzuriza indoto zanje namanye igihe
kirekire!!….nzogaruka Duhita tubana muri yanzu nshaka
kuzokubaka….izoba ifise ryabara ukunda!!!!…..Baby
nsingutaye mutima wanje murikumwe nzakwamiza
mubitekerezo vyanje ibihe vyose nahose….Kuko uri
uwonshaka ibihe vyose» Ahita aja kuraba Linda uwari uncuti
magara ya Nina ngo

arimushire,..Yagize Imigisha
arahamusanga……Linda nawe nkuko yamye akundwa
gutumwa yabikoze nkuko vyaringombwa aja kuba
Nina…..Yageze kuba Nina asa nkumuntu ari mubibazo
vyinshi……Nina mugukubita amaso Linda ntatindi jambo
yatanguye kumubaza atari« Linda Steve yagiye?»
(Yooooo, Nina sha yari yaramupfiriye….)
Linda : Yoooo, Nina oya ntaho araja kuko yararwaye!!!
Nina: yoooo, Mana yanje koko arwaye iki??
Linda: Nina humura ntarevye rwose…Kuko yampaye ikete ngo
nkuzanire…..

Nina yafashe ikete arasoma agiheza gusoma amarira
arakoroka kubera ivyishimo vyinshi kubona Steve amuhumurije
umutima!!!
Nina yibajije uko yobigenza ngo aje kumuraba kuko
arwaye..ariko akabonako bimugora kuberako Papa we
yabujijeko asohoka…
(Ariko abavyeyi baramufashe nabi rwose…aho ntibomureka
akikundira uwo umutima wamushimiye)
Nuko Linda amasaha yarageze ataha atahanye ikete ryo
kwishura Steve….Nuko yageze kuba Steve amuha ibarwa Nina
yamwandikiye…Steve mukurisoma umutima usubira hamwe
anatora kamitende kubwo kumva Cherie we amerewe neza….

Nuko mubucagucagu Kare cane aho Steve ho yavyutse
asezera Mama we………Kubwo agiraje kurondera akazi
mumuji….Nokuja kuraba amatungo ya Papa we….Mama we
haraho yakoze amuha ipfungo ry’amahera yarafise ari
Steve ngo aze ayifashishe muvyo agiyemwo…..Yoooo,Steve
yaroshimye rwose agumbira Mama we anamusezera…….Steve
agizengo arateye intabwe aja imbere aza abona Nina
araje….ashika amurwa munda akanya katarigato arinako
akorora amosozi
Nina & Steve
Nina: Baby….koko uragiye..??ariko nzagukumbura cane…..!!!

Steve: Baby nanje nuko!…ndabona nzagukumbura..!!!ariko se
bigenze gute nguze muri kano gatondo?
Nina: Cherie umutima wanyankiye kuburyo numva atakundi
nogira mpita gutoroka muhira kugira nze nkurabe iryanyuma!!
Yooooo, Steve yumvise yishimiye urukundo rwa Nina …Ahita
amurwa munda…ahita amuherekeza amugeza imbere Steve
nawe afata urugendo rumugeza aho yafatira imodoka…uziko
hatari hato yaragiye ari mukuhagera yavuye mwibarabara
yinjira ishamba………Haheze akanya agaruka mudufuko
yarafise agaruka kaka varize atako afise……ahita abandanye
urugendo…
Nuko yageze kwikaburimbi afata imodoka baramanuka
mumuji aho mumodoka yahuye nundi muhungu yitwa Kenny
yaragiye kurondera akazi mumuji baricaranye bagenda
baraganira……….Nuko urugendo rwabaye rurerure……Baje
kugera hafi gato yumuji…………Bakigera hafi gato Imodoka
barimwo Igongana nikindi kimodoka ihita irwa hepfo
yibarabara aho hatari hato gusa ukuntu imodoka barimwo
ibaye naho iguye Abarokoka bazakuba bake……
………………………….
…………………
Yoooooo,MBE basha Nina na Mama Steve baravyifatamwo
gute kwimodoka barimwo igize ikibazo??

Mbe Steve ya varize tutazi iyo yayisize biraza kugenda gute?

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s