RWAGIYE HE EPISODE 10

img_0853-9

Episode 10
★★★★★★★★★★★★★★★★

Duheruka Mama Steve ahuje amaso na Papa Derrick bose
bahita bakanguka………
Tubandanye….
Papa Derrick muguhuza amaso na Mama Steve agasanga ni
umugore wuwahoze basangiye amatungo yarikanze atangura
kwibaza uko akiriho kandi umugabo we baramwishe…..
…..Mama Steve nawe yatanguye kujugumira narirya
yariyisaziye atangura kwibaza ico amuronderako………
Papa Derrick: Eeeeeeh,,Wwe uracari muzima??

(Mama Steve nubwo bwinshi atangura kujugumira arinako
nawe amubaza ikimugenza….Kuko nawe yari yibazako boba
bariko baramurondera ngo bamwice….)
Mama Steve: Ndabasavye mumbabarire koko….ntimuny
ice…
Papa Derrick yariweje Mama Steve abonako ari nagakecuru
atanico kimariye nivyabaye katanopfa kiyumviriye kuja
kuburana amatungo baba nyuruje…..
Papa Derick: Oya ….Twe ikituzanye si wewe…ubutuje
turondera umuhungu wawe..!!
Mama Steve: Yoooo,none se umwana wanje mumushakako
iki??

Papa Derrick: Wegusa tubwire aho umuhungu wawe ari??
Mama Steve: Nonese umuhungu wanje yabagize iki??
Papa Nina: Nonese uyu mukecuru murazinany…??
Papa Derrick: Ndakazi kuko twabanye numugabo we…..
Bagerageje kubaza Mama Steve ngo avuge iyo umuhungu we
ari ariko yanka kuvuga kuko yaraziko atakeza ka Papa
Derrick…..Nabo bakoresheje uburyo bwose ngo bamenye iyo
Steve ariko Mama we yanka kumena ibanga ryiyo yagiye kuko
yabonako bamenye iyari boca bamwica……..
Nuko baramuretse ariko bamanjije kumukubita
(kumukubagura )Papa derrick agomba no kumwica…….Ariko
Papa Nina amubwirako yomureka kuko nawe wosanga atazi
iyo ari……

Nuko tugaruke aho mukigo cishure…..Aho bwari bugorovye
Nina na Ange bariko baratera inkuru….
Ange & Nina
(Ange nivyishimo vyishi kubwo ikiganiro bari bagiranye na
Derrick)
Ange: Nina ndagufitiye ibishasha……
Nina: Eeeeeeeh, mbwira sha ncuti yanje…..
Ange: Manza unyemerereko uribuze kumpa icizere……
Nina: Icizere ciki….??

Ange: Wenyemerera ko ivyonza kukubwira uza kuvyishimira
gusa!!
Nina: Ndibuze kuvyishimira kuko ntaco urambwira
sindacishimire……
Ange: OK, Nina ……..Igihe wari wagiye muri Sport mugatondo
Derrick yamye ngaha kukuraba……
Nina: ooooooh ange oya…Gezaho numva ahongze ntashaka
kumva izina rya Derrick…kuko je aranshisha…..
Ange: Noooo! Nina sivyiza kuba ubabaza umutima wuwundi
kandi uziko agukunda….Ngo urindiriye abatakiriho…..
Nina: Ange…..Je ….umutima wanje urambwira neza ko Steve
akiriho….Nico gituma ntoshobora guhemukira….Umwami
w’umutima wanje…..
Ange: Oya Nina……Jewe naho ntarabona Steve…..Ndavye
kuvyo wambwiye….Steve ntawukiriho…………Nina enda reka
kwigumizamwo umuntu utabona ufise abarihafi yawe
bakwitayeho banaguha nagaciro…..Nina yaba ubona agaciro
Derrick aguha ntiwomuvuze nabi nkuko ubikora…..
Nina: Ange…..ntuze usubire kumbwira ibintu bijanye na
Derrick…kuko sindamwiyumvamwo…….kandi Ijoro ryiza….
Nina yahise yiryamira……..Ange nawe asigara yibaza ico
azokora kugira ahindure Nina……
Nuko tuagaruke gato murugo kuba Nina…..Aho Papa Derrick
yarahejeje kuvugana na Derrick kuri fone ……….

Naho tutabashije kumenya ivyo bavuganye na Derrick…ariko
gusa nuko yahejeje kuvugana nawe umengo ahise anaduza
ishavu….Aho yahise abwira Papa Nina ko aho bukera bazoja
Kwica Mama Steve atababwiye iyo Steve ari…….
Nuko tuje kurugamba gato, aho Steve yari kumwe nincuti ye
yokurugamba bariko baraganira kuvyo ubuzima bwabo….nuko
bageze mugisoda…….Niho abasoda barikumwe na Steve
……aho batangura kumushimira ko ari intwari kurugamba……
kuko yitanga murivyose….Steve yarishimye kubona yishimirwa
nizindi ngabo barikumwe zikamuhaya ko ari intwari……
Yooooo,Incuti za Steve zaramwishimira kubwo ubutwari
bwe……Yooooo,ariko ntamenyeko Mama aho bukera
bamwica…
Nuko bwarakeye abari bategjye icaha baja kumurimo
wabo…Nuko baragiye bageze kuba Steve bararondera Mama
Steve ariko baramubura inzu yose….inzu yasankaho abahaba
bimutse….. .Nuko basubiye inyuma batamenye amaraso kuko
uwo baribagiye kwica nawe yari yigiriye……

Nuko turabona Mama Steve ahantu yari yicaye mwishamba
ariko arakorora amasozi yibaza ukungene bazosubira guhura
n’umwana we….Ariko yabonyeko atakundi yari kugira kuko
yabonako akanya na kanya Papa derrick ashobora kugaruka
akamwica…..
Nuko tugaruke kurugamba aho abasoda bari bicaye bariko
barafungura ivya sasita….Banaganira Steve be nincuti
ze…..aho umwewese yariko aravuga umuntu yumvako
akumbuye cane….
Niho incuti ya 1: Jenda kumbuye cane Mama umvyara…..
Incuti 2: Hahhaa wwe wosanga utararongora…..gusa
jendakumbuye abana banje rwose….
Incuti 3: Je numva nkumbuye umugore kuko nasize afise inda
yumwana wimfura….numva nshaka kubona kubona imfura
yanje…..
Nuko bageze kuri Steve…… aho Steve agitangura gusohora
ijambo ngo “nanje” Niho bahita babona igisasu kuguye
hatagatati muribo kumeza….Batazi iyo kizananye gihita
giturika ……………………………………..
…………………………..
Yooooooo,Mbe basha konaho bari bariko barafungurira haje
ikinogo…..Ubwo hari uwuza gusigara??
Mbe basha Steve arapfuye? Mama we azokwiyica….Nina we
nibindi bindi…….

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s