RWAGIYE HE EPISODE 12


img_0853-26

Episode 12
★★★★★★★★★★★★★★★★
Duheruka Nina afata akayira nishavu ryinshi tutazi iyo
aroye…….
Tubandany…
Nuko Nina yahise aja murugo iwabo ariko akaguma
arira….niho Mama we yamwegera amubaza ikimuriza…Nina
amubwirako uwo yakunda yapfuye kuko yagiye kumuraba
akamubura aho yaba agasanga ntaninyoni ikoma…….Yoo
oooo,Mama yaramuhojeje kubwo impamvu azi kurukundo
rubabaza…..ariko akanaryoherwa kuberako bagiye kuca
bifatira be na Papa we umutima wa Nina bakamwereka uwo
akwiye gukunda……..
Uwo musi wabaye uwakababaro kuri Nina ahita yumvako
atahandi azoronka urukundo ruzoza ruruta urwo Steve
yamuhaye…………
Yoooo, Nina aho yaba arihose yaguma yiyumvira
Steve….yubaza igituma Steve yemeye kumuta wanyene
akamusiga mucaro none akaba apfuye….
[[[Yoo,ariko twebwe ico tuzi nuko Steve akiri muzima kandi
nawe amwibazako igihe kirekire…….]]]]
Nuko imisi yaragiye Arinako akababaro ka Nina kaja
karagabanuka gahoro gahoro agerageza kwiyibagiza
Ivyurukundo….ariko ntiyasiba kurira iyo yibutse ivyishimo
bagiranye na Steve mugihe barikumwe……
Nina yarabajije aho Mama Steve yoba yaragiye ngo amubaze
yuko Steve yoba akiriho canke yarapfuye ariko aramubura…..K
uko Mama Steve yari yarihungiye kuko Papa Derrick na Papa
Nina bari bashaka kumwica…….
Nuko tugaruke murugo kuba Nina….
Papa Nina & Nina
Papa Nina: Mwana wa…pole kubwivyago vyagushikiye…
.Utangure rero wibaze kuwo woha urukundo rwawe
nonaha……..kuko Steve yarapfuye…
Nina: Papa Jew ndumva atarukundo nkikigira mumutima
wanje kuko umutama wanj nari nawuhebey umwe gusa…..
Papa Nina : Oya…mwana wa…nico gituma ndiko
ndagusabako wokwibagira Steve kuko yarapfuye hama
ugakunda Derrick….
[Nina nishavu ryinshi ]
Nina: Papa ngwiki…??Derrick ??
Papa Nina: Ego mwana wa….Kuko nzinezako Steve
atakiriho… Iyaba akiriho aba yaraje kukuraba……None
umuntu atarigera aza nokukuraba uribaza ko yoba
akiriho??……Ariko raba Derrick we akwitayeho narumvako
yaza nokukuraba kwishure…..Yabikora kuko yagukunda!!
Nina: Ego…ariko je ndumva ntamushaka…!!!
Papa Nina: Mwana wa ndakwinginze wemere Derrick aze
akubere umugabo…….
Papa Nina yaragerageje Nina ngo yemere aze abane na
Derrick ……ari ko Nina yanka kuvyemera kuko atumvako
yohava aronka urukundo kwa Derrick nkurwo Steve
yamukunda….
Nuko igihe caje kugera, Nina asubira kwishure agiye kwiga
umwaka we wanyuma muvyo ubuvuzi……mukugera mukigo
cishure yasanze Ange nawe yaramaze kuva mukaruhuko
…..aho bishimanye basubiye guhura kandi…….
Nuko baricaye baratera inkuru zuko vyagenze mukaruhuko
barimwo…..
Ange & Nina
Ange: Cherie wanje narindagukumbuye rwose…..
Nina: Nanje narimukwiyahura ninkumbu kuko nabura nuwo
duteramana….
Ange: Hmmmmmh…..utambesha…..Hama Steve nawe??
Nina mukumva izina Steve yumvise nkaho Ange amuteye
icumu kumutima ahita akorora amosozi….
Ange: Nina nibiki kutanguye kurira??
Yoooo,Nina yabuze ico yishura ahita yiruka mucumba
yiyugaranirayo arinako arira…
Yooooo,Ange vyamuteye ikibazo nawe kubona Avuze Steve
……Nina agahita arira…
Nuko tugaruke murugo kuba Derrick……
Aho Papa Derrick bariko baraganira na Mama Derrick
kubuzima bw’umwana wabo Derrick……….
Mama Derrick: Mugabo mwiza….narimfise ikibazo kandi
mpora nibaza kenshi….
Papa Derrick: Mbwira sha mwiza wanje….
Mama Nina: Kuberiki wipfuzako Derrick umuhungu wanje
yotwara Nina mubakobwa bose babaho ???
Papa Derrick: Ego mwiza wa…nahora nibazako ico kibazo
ucibaza…..Nipfuzako Derrick yotwara Nina kuberako
umuryango waba Nina ariwo murayango nizera mubantu
bose……kandi Papa Nina tukaba twarakoranye ibintu vyinshi
……turonderera ubuzima hamwe…..Nico gituma rero
nipfuzako abana bacu amatungo bazoyasangira nku twe na
Papa we twari tumeze!!!!
Mama Derrick: Ariko mugabo mwiza urabonako Derrick ariko
arasaza….Nina nawe akaba atamushaka nonese wimva
bizogenda gute???
Papa Derrick yagerageje kumvisha Mama Derrick ko Derrick
ategerezwa gutwara Nina…..ariko Mama derrick we
yababazwa nokubona Derrick abura uwumutima ushaka kandi
afise amatungo menshi…..
Nuko tugaruke mukigo cishure aho Nina yari yatekanye
baganira neza na Ange aho ange yamusabako yomubwira uko
yasanze bimeze…..
Nina yaramwiganiye ko yasanze Steve yarapfuye….kuko
atigeze amukubita ijisho….
Yoooo,ange yaruhumurije…..ariko nawe agerageza kumwereka
ko atawundi asigaye imbere atari Derrick….Nina abonako
ageramiwe nabantu baguma bamusabako yokundana n’uwo
atiyumvisemwo….
Nuko tugaruke mubitaro aho….Steve nawe yari yakize
neza….arinaho yariko arasezera incuti ze ngo atahe murogo
iwabo…..Kuko yari yamaze kwemeza ko adashobora gusubira
mugisoda………
Yooooo, Incuti ze zarababaye kubona intwari bari bafise
bakanarokoka hamwe ibasize…..
Yooo,yamara Steve nawe siwe….impamvu nuko yabonyeko
Atari intwari kuko ngo iyaza kuba intwari ngo ntanumwe
yarigupfa mubo barikumwe….kuko ngo yarikuba yabarokoye…
Nuko Steve yafashe imodoka imwerekeza murugo
iwabo……Yooooo,Steve arunzira ataha yasavye shoferi
koyohagarara aka gira ico asumira umuvyeyi…..
((Naho ntamenyeko Mama we yihungiye…..))nuko yaragiye
agurira Mama we impuzu
zizimvye ngo amushire
Nuko barabandanije…..Bashika kurugo kuba Steve……Muku
geraho Steve asanga inzu yarabomaguritse….aje kubaza
ababanyi bamubwirako batazi ko yoba akiriho canke
yapfuye….kuko batazi uko yagiye……..
Yooooo,Steve vyamwanse mumutima gushika asanga Mama
atakiba aho yamusize……. yatangu kwibaza uko vyoba
vyaragenze…..ariko abura numuntu numwe amubwira iyo
yoba yaragiye…..
Niko guhita aja nokubaza linda asanga Linda nawe siho akiba
yaragiye mugisagara…..
Yoooo,uwo.musi Steve yabuze amahoro…
Nuko tugaruke mukigo cishure aho uwo musi wari umusi wo
gukota abanyeshure bari mumwaka wanyuma wa mashure
yakaminuza mugisata cubuvuzi……aho hari hahamagajwe
abaganga na Derrick arimwo…….Aho kuruwo munsi urinze
unanirwa waca ubura amahirwe yo kuba umuganga…..Nuko
Ange mukubona Derrick ari mubanganga bazanye arya akara
Nina amubwira ati « koko IMANA yoduha tugakotwa na
Derrick twoca tumenya……Nina nawe amwishurako « ataza
kumenya kuberako yoba akoswe nuwobazinanye ahubwo
kubwo ubwenge bwe!! ¡
Nuko nkuko Ange yari yabivuze niko vyagenze babahaye
Derrick ngo abakurikirane mukibazo bagiye gukora…..Aho
Derrick yagumiza amaso kuri Nina araba uko akora ivyo
babasavye ko bakora…..Nina nawe mukuraba Derrick……..
………….
…………..ahita atangura kujugumira……..,…..
…………………………………….
Mbe basha Nina kwatanguye kujugumira ubwo Derrick ntagira
amukure mubazomenya???
Mbe basha Steve nawe bizogenda gute kwabuze nyina?
Mbe basha Derrick ahava yemera ko Nina atora ikibazo kandi
yaramwanse??

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s