RWAGIYE HE EPISODE 13


img_0853-12

RWAGIYE HE?
Episode 13
★★★★★★★★★★★★★★★★

Nuko duheruka Nina ariko arakora ikibazo aho yariko
akurikiranwa na Derrick…..Yumva ubwoba bwinshi kuko
yabona Derrick aguma amuraba….akaca yibazako ahava
amutema kuko yamwimye urukundo….
Nuko Nina kubera ubwo bwinshi biranka ko akora ikibazo
ciminywe(pratique)……..Yoooo,Derrick yihweje Nina abonako
afise ubwoba niko guhita amwegera amuturutse
inyuma….Nina agira ukwikanga yumvise umuntu amukoze
mumayunguyungu…..Agiye guhindukira asanga ni
Derrick……Aho hose Derrick yamukora mu mayunguyungu
Ange yamugumizako akajisho araba utwo bigira….
…..Nuko Derrick yongirera Nina mugutwi ati « Mukundwa wa
gira umutima urihamwe kuko ntaco ushobora kuba urikumwe
nanje»
Eeeeeh,Nina mukumva iyo majambo ahita amwenyura…….
umutima uhita usubira mukibanza cawo…kuko ubwoba
yarafise bwaribumurenze…..ahita abonako Derrick atanabi
amushakira………aho hose Ange yabagumizako amaso araba
utwobigira………Kuko yabonako Derrick yaronkeyeho akanya
ko gushikiriza icipfuzo ce …..bahejeje gukora ikibazo Derrick
atipfuza kuko yariko aratereta….
Nuko bapfuye guheza Nina ahita asaba Derrick ko yomureka
akagenda………
Nuko Derrick yamusavye yomwemerera akazomuha akanya
bakayaga batekanye….Nina nawe yari yatanguye kubonako
Derrick atari umwana mubi niko guhita amwemerera bahita
bahana isango……
Nuko Nina yarasohotse aho baribakoreye ikibazo kuko abandi
bose bari bamaze gusohoka…Yasanze Ange amurindiriye
hanze atangura kumubaza ivyo barimwo be na Derrick…..Nina
nawe aramwiganirira uko vyose vyagenze…….
…Banamwenyura rwose bisankaho Nina urwanko yahora
yanka Derrick rwari rutanguye kugabanuka…….
[[[Mbe basha Nina ntazohava afatana na Derrick…..?]]]
Nuko twigarukire mucaro kuba Steve aho…Steve uwo musi
yavyutse aho amaze imisi aryama inyuma yaho asanze Mama
we atawe ninzu babamwo yarabomotse……Niko kuvyuka afata
akayira aja hamwe yasiga ya varize ……Nuko yahageze
afukura aho yari yagafuriye ahita yicara atangura kuraba neza
yitonze amatungo yose Papa we yasize…….aho yasanze
harimwo impapuro zama hinguriro yari yarubatse
mumuji,nizindi zamatongo yabo ari mumuji Atari azi naho
yoja abisanga……
Yabandanije gusakambura muri ya varize …..Niho yabona
akandi gasaho karimwo amahera agera kuri 9000$ zama
dollars…. Azingiye mugapapuro harimwo na Sheki
yamafaranga papa we yari yasigiye Mama we isinye kuko
yabinako umwanya numwanya bashobora kumwica…..Nuko
Steve vyose yaravyegeranije ahita asubiza mwishakoshi ahita
asubira mugace iwabo aje rero gutangura akazi…..
Tugaruke mukigo cishure aho Ange na Nina bari bariko
baragungura ivyamugitondo…….aho ange yabaza Nina ati«
Nina uzobigenza gute murikumwe na Derrick.???.
Nina: Hmmmmh…Nawe urantangaza tuzoyaga hama ntahe!!!!
Ange: Nonese niyasubira kugusaba urukundo uzo mwishura
gute??
Nina ahita atwarwa ni vyiyumviro……
((((Nina yabuze ico yishura kuko yariyatanguye gutwarwa
nurukundo kuko yabonyeko na Derrick atoba ari umwana
mubi…..Gusa naho yabonako atawoza amurutira Steve……na
derrick yari yatanguye kumwemera…..))))
Ange: Nina kumengo siho uri ??
Nina: oya nihondi ivyo tuzoyaga na Derrick ntavyonzi gusa ico
nabonye na Derrick sumwana mubi…..
Ange: ego…..sha Cherie wanje….nciye numva ndagukunze
kumva utanguye kwishimira Derrick….Gusa je ndagusaba
ntuze umubabaze……
Nuko bakiri murayo niho haza umuntu adodora aho bari
bicaye Ange yaguye kwugurura amubwirako Nina hari abantu
bamurondera aho hanze….Nuko Nina yasohotse agiye kuraba
asanga Ni Mama we aje kumuraba barikumwe na Papa wa
Derrick.. Nina yagize ikibazo atangura kwabaza igituma Mama
we azananye na Papa Derrick ngaho mukigo cishure……….
Nuko yarabegerey arabaramutsa kuko yarabakumbuye ariko
akabona kumaso Mama we asa numuntu atishimye….Nina
ahita abaza Mama we ico cabaye….Ariko Mama yanka
kumwishura kuko yaguma akorora amosozi ariko
ntavuge…….Nina yegereye Papa Derrick amubaza uko bigenze
niko guhita amuha ikete amubwirako ari Papa we
yarimwandikiye kandi ko aremvye cane…..
Yoooo,Nina yatanguye kurira yibaza ico Papa we yabaye…. …
Ariko Mama we yasubiye inyuma amubwiye ijambo rimwe
gusa ati «Mwana wa ibiriko biraba kuri Papa wawe vyose niwe
uriko urabituma»
Nina yinginze Mama we ngo amubwire ivyarivyo ariko nyina
amubwirako vyose azovyisomera muri nya kete Papa we
yamwandikiye…..
Nuko bahita bisubirira iyo bavuye…..Nina nawe ahita yinjira
mucumba ariko ararira rwose …..Ange kuko yariyabonye ko
ari umuvyeyi we avuye kumuraba atangazwa no kubona
agarutse ariko ararira…..
Ange: Nina uyaki ubunaho??
(Nina namarira menshi)
Nina: Oya nanje birandenze kuko sinzi ivyarivyo……
Ange: nonese habaye iki??
Nina: Ntavyonzi kuko banse Mama na Papa derrick banse
kumbwira uko Papa amerewe bambwiyeko vyose
nzakubisanga aha muririno kete Papa yanditse…..ahubwo
reka nsome ivyarivyo….
Ati
«Mwana wanje nkunda cane….Ndakwandikiye irikete
ndagutura akababaro utumye ngira….Gushika ho nicuza
icatumye ndakuvyara….
Mwana wa urandishije umutima kugeza ho nonaha ryamye
mubitaro kubwo ingwara yumubabaro wanteye………
Reka ndeke kukwicisha amajambo menshi ingwara wanteye
nayo siyindi nuko Nagusavye ko wobana nuwagushimye ataco
mbonako azokwima mubuzima bwawe bwose…..ukaguma
wiyumvira abatakiriho…….Mwana wa ndaremvye kandi
ndumvako nzokira aruko umpaye ivyishimo vyanje…..»
Yoooooo,Nina yagiye guheza kurisoma yarize amarira
yamurenze…..Atangura kwibaza kuvyo Papa we yamwandikiye
ahita afata umwanzuro wo gushimisha Papa we akareka
kuguma yiyumvira Steve kuko atanuko akibaho…..
Yoooooooo,Nina guhera uwo munsi yaciye yikuramwo Steve
burundu kuko azi yuko atanuko akibaho……..Kugira ahe
ivyishimo Abavyeyi be……
Nuko bwarije burongera buraca…..aho isango Nina bari
bahanye na Derrick ryari rigeze…..aho bagiye ahantu bafata
icokunywa arinako baganira……
Derrick & Nina
Derrick: Nina ndishimye cane kubona wemeye ukicarana nanje
umwanya ungana kuno….
(Nina nakajwi nkako uwiga gukunda. …)
Nina: Ntaco bivuze…kuko aribisanzwe
Derrick: Wakoze kabsa sinakekako wokwemera ukampa
umwanya nkuyu….
Nina: Derrick…oya ahubwo nanje narindawushaka kuko nari
nipfuza kugushimira kukuntu wankuyemwo ubwoba ndiko
ndakora ikibazo…..
Derrick: Ooooh,vyari ngombwako ndabikora kuko
ndakwitaho…..
Nina: warakoze kabsa….
Derrick: Ok,arikose Nina kugeza nubu nturabonako
nakwihebeye??.
Yooooo,Nina yabuze ico yishura…..
Derrick: Nina ndagusavye koko unduhurire umutima…..wanje
kuko naragukunze kandi nzoguma nfmgukunda…..
Nina: Derrick….
Derrick: Sabwe mwiza wa…..
Nina: nonese kumengo ivyunsaba biragoye ??..
Derrick: No!!!!Nina oya ntakigoye kirimwo….
Nina : Derrick nukuri biragoye kuko numva umutima
utabinyemerera…..
Derrick: Nina ndagusavye unyemerere nzaguha ico uzoshaka
mubuzima bwawe bwose… .
Nina: ok, basi ngiye kuvyigako nzoguha inyishu….
Derrick: oya….Nina amajoro maze ryama ntasinziriye nimenshi
kubera we we ndagusavye umpe inyishu impumuriza
umutima….
Nina yatanguye kurira avuga ati… «Koko mutima wanje
ibingiye kubikora…ariko Steve uze umbabarire….»
Nina: Derrick nanje ndagukunda……
Nuko inyuma yindwi imwe Nina na Derrick batanguye
urukundo …..Niho Steve nawe yariko aregeranya ibikoresho
vyokuzokubaka yanzu yamye yipfuza be nuwo yakunda…..
Nuko Steve yafashe akayira asubira mumuji kurondera
ibikoresho vyokuzokubaka ya gorofa ……..Nuko yageze
mumuji kandi……ahita afata iyindi modoka imwohereza aho
aja kugura nyavyuma
Aho imodoka yaciye hamwe kuri vyabitaro yivuzako agize kuca
ngo arabe hanze imodoka iriko iragenda Niko guhita abona
Nina …….Steve umutima urasimba yicwa nivyishimo
vyokubona uwo yakunze ……….kubera ivyishimo vyinshi
nokuguma araba uko asigaye ameze yibagiye kubwira shoferi
ngo ahagarike imodoka aza kubimubwira aruko Nina ariko
arinjira aho mubitaro aho yaragiye kuraba Umukunzi we
mushasha ariwe Derrick…….
Nuko Steve yasihotse yiruka akurikirana Nina ……araba iyo
aroye….nawe amukurikirana yo amwihweza…..gushika aho
Nina yinjira mubiro kwa Derrick….Steve nawe aguma hanze
kuko atari kumukurikira mpaka mubiro…Niko guhita
amurindirira aho hanze nuko yicaye aho hanze yumvise ijwi
rya Nina arikuvuga ati« Ooooooh,baby wanje nari numva
ngukumbuye rwose….bizou…bizou…»
Steve umutima urasimba ahita ahindukira arabira mukiyo aho
yahise abona Nina ariko arasomana na Derrick….baryohewe
gose. ……
Yoooooo,ahita yumva umengo arataye ubwenge…..atangura
kwibazoko yoba ariko abina Nina canke yoba ari uwundi………
………….
………………..
……….
Yooooooo,MBE basha akababaro katagira uko kangana Steve
yagize murako kanya…..
Mbe basha niyo Nina yasohoka agasanga Steve ari ngaho
biragenda gute??

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s