RWAGIYE HE EPISODE 14

img_0853-13

Episode 14
★★★★★★★★★★★★★★★★

Nuko duheruka Steve ariko araraba ivyo Nina na Derrick
bigira…..
Tubandanye..
Nuko babandanije bisomanira uko Steve nawe yabaraba
ninako umutima wabasha kumurya……Yooooo,Steve
yabonyeko Nina yironkeye uwundi mukunzi abonako
atampamvu zo kumurindira ngo asohoke…kuko yohava ateza
ingorane murukundo rwabandi….ahita yigira …..Abasiga
bibereye muvyishimo….
Nuko Steve yasohotse ibitaro asa nuwataye umutwe……bah
akwa kumugonga ahakurwa nuwari yamukurikiranye kuva
akigera aho kubitaro….nawe yari umusoda muribarya
barokotse hamwe…
Ahita amufata amushira kuruhande
Umusoda & Steve ….
Musoda: Nyakubawa bari bakugonze…..
Yoooo, Steve kubera yari yataye ubwenge ntabuko yamwumva
icari mumutwe cari Nina gusa…..
Musoda yihweje Steve abonako yoba afise akabazo niko
guhita amufata amutwara iwe….kuko yabonako niyahava
amusigaho bohava bamutwara nyagashakoshi yarafise……N
iko guhita amutwara iwe ahamara umusi…….yooooo,uwo
musi Steve wamubereye muremure kuko mumutwe iwe
haguma haza Nina…..akaguma yibuka ubuzima babanyemwo
akumva yorira…none akaba yaramuhemukiye…..
Yoooo,Steve yabonyeko atakundi yogira ahita abonako
ategerezwa kwikuramwo Nina akamwiyibagiza kugira ivyo
ashaka gushikako bigende neza…..

Nuko bwarakeye Steve avyuka ashimira uwari yamuhaye
indaro…..kuko yagira abandanye urugendo gwivyamuzanye
aho mumuji……..Nuko yafashe kakagashakoshi yerekeza
mumuji…kuri Bank aho yaragiye kurotira yamahera Papa we
yasiga kuri sheki ………..
Nuko Steve yagiye mumuji hagati….amanza kuja kuri Bank
gutora yamafaranga Papa we yasiga uziko Atari na
make…yagera kuri 9000$ yama Euro (ero)….Niko guhita nawr
yuguruza konte ya Bank ahita ayungururiza muyiwe…Hama
afata ayo yarakeneye gukoresha ahita ayatwara kigura
vyabikoresho
Vyokubaka……
Nuko yatanguye kubaka inzu ye yamye ashaka kuzubaka kuva
mubuto bwe….Aho inyuma yamezi abiri yaramaze kuyiduza
bimwe vyakarorero …..Abantu bose bamabaje kubaza nyene
iyo nzu kuko batatahura uwo mukire yaje kwubaka inzu nkiyo
ahantu nkaho mucaro……
Yari afise abahinga bazi kubaka inzu zanone nawe arimwo
kuko nawe arivyo yari yarigiye……..

Ntawashobora gutahura uwariwe kuko nawe yafasha
mukubaka….akongera akayandika kuwundi muntu kugira
ntihagire uwuzomenya kwari We ngo bace batohoza uwariwe
ngontibahave bamwica nkuko bishe Papa we…..
Nuko yagerageje kwihisha agahisha nukwabayeho…Naho
yataha ntiwari gushobora gutahura ko afise amahera angana
ukuraho….Yitahira aho hafi yaho yariko arubaka aho
yarapangiye agakecuru kaba aho hafi yiyonzu yariko
arubaka…..aho Steve yagira guca akaza akaba ariho yirarira
kuko atanzu zuburaro nziza zari ngaho mucaro iwabo…..nuko
yabaye murubwo buzima aho yaje guhura nundi mukobwa
arinawe yamwitaho mugihe cose yamaze yubaka inzuye niwe
yamuzanira ivyo afungura…..niwe yamumesurira
impuzu….kuko uwo mukobwa yari yakunze Steve ariko Steve
yabonako atoshobora gukundana nawe kuko umutima we
wose yari yawuhaye Nina……Uwo mukobwa yitwa Delicia yari
yaragerageje uburyo bwose ngoyereke Steve ko amushaka
ariko Steve yanka kubibona kuko Atari akiryohererwa
nurukundo……..Kuko umutima we wariwarababajwe

……..Delicia yamugemurira infungurwa kumugoroba avuye
kwubaka ashaka ko Steve yagira kuca akamukunda ariko
Steve ntiyarakibona ibintu vyurukundo….ahubwo yama ashaka
guhemba Delicia kuvyo yamukorera ariko Delicia we ntiyipfuje
amahera ava kwa Steve ahubwo we yashaka urukundo……
Yaramugemurira yaheza gufungura Steve agaherekeza Delicia
agataha…..
Aho delicia yama ashaka ijambo riva kuri Steve ariko Steve
ntarindi jambo yamubwira Atari «Urakoze,….Uyumusi watetse
neza»
Yooooo,delicia agataha aryohewe naho ataba yumvise ijambo
yashaka …….kuko we yashimishwa nokubona barikumwe na
Steve……Ariko Steve ntiyamufata nkaho yoba yaramukunze
ahubwo we yabonako ari incuti ye yarafise imwitaho…..
Nuko tugaruke mukigo cishure kuba Nina…..
Aho urukundo rwa Nina na Derrick rwari rwakomeye kuko
bama muvyishimo vyaburigihe ntamusi wahera Derrick
atamurungikiye amafaranga yokwifashisha kuvyo yakenera
kumusi……

Nuko umusi umwe Derrick yaje gusohokana Nina amwereka
incuti ze…..aho na Nina yaba arikumwe nincuti ye magara
Ariyo Ange……aho uwo musi Derrick ariho yabaza Nina ko
ashobora kwemera akazomubera Mama wabana be….Nina
nawe ntiyamvyanse kuko nawe yari asigaye amukunda…
bakama bishimana…….aho Nina yaza araja nogusura
abiwabo na Derrick barikumwe na Derrick nyene….
Nuko urukundo rwa Nina na Derrick rwaryoheye benshi naho
rwababaje Steve aho Papa Nina yarari yaguma yumva
umunezero ariwose kuko yabonako umusi numusi azohava
yongereza amatungo….
Nuko uko imisi yagenda niko Steve inzuye yagenda
yuzura…..aho inivo yambere yari yamaze kuyihaza…..aho
yaciye ava muri kakazu aja kuza arirarira munzuye yo musi…..
Aho umusi umwe Delicia yaje kumugemurira ivyijoro……

imvura ica iragwa arinyishi Bituma arara
ngaho….naho Steve yarafise igitanda kimwe
Aho uwo musi Delicia yishimiye imvura kuko igiye gutuma
ararana nuwo yakunze……
Nuko Steve yaguma arindiriye kwimvura yohera hama
agaherekeza Delicia agataha….aho hose baguma batera
inkuru…..
Delicia abaza Steve Igituma yama ameze nkumuntu
atishimye…..Kandi ari umuhungu mwiza cane…..Steve kuko
yari yabonye ivyo Delicia ashaka nuko yahise amwiganira
ubuzima bwe bwurukundo uko vyose vyagenze……
Yooooo,yagiye guheza Delicia yarize aca amubaza ati«….
Nonese Steve urategekanya kuzobabarira Nina……»
Steve: Ego….nomubabarira kuko naramukunda cane rwose…..
Delicia: Oooh Steve uri umunyarukundo kabsa….
Steve: urakoze
Yooooo,Steve yarasigaye yivugira make…..
Delicia:Nonese aciye agira ubugeni naho uzoca ubaho
gute????
Steve: nzoca nd……………………………
……………….,……..
..,…………………………….
Mbe basha agira avugeko azoca arongora Delicia?? Canke
kwazoca abivamwo ??
Niyavugako azoca abivamwo Delicia ariyahura kuko nawe
yamukunze….

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s