RWAGIYE HE EPISODE 15

img_0853-14

RWAGIYE HE?
Episode 15
★★★★★★★★★★★★★★★★

Nuko duheruka Steve bariko barayaga na Delicia…..
Tubandanye…
Delicia: Nonese aciye agira ubugeni naho uzoca ubaho gute??
Steve: Ivyokubaka nzoca ndabivamwo….
Delicia: Kuberako uzoba wabuze umwiza aruta Nina??
Steve: ego…kuko kurino si yarurema ntawundi mukobwa nari
narakunze Atari we gusa….
Delicia: Nonese kowari umusore mwiza…..??

Steve: Nonese ushatse kuvuga iki.?
Delicia: kudakwiye gupfuka uko!!!
Steve: Siko nakagomvye gupfa… ngirango Nina miyabishaka
azongarukira….
Delicia yahise akorora amosozi kubwo kumva amajambo ava
mukanwa ka Steve….
Steve mukuraba Delicia ariko arakorora amosozi amubaza
ikimuriza…..Delicia nawe ati «Koko Steve ntiwarukwiye gupfa
uko…..
Steve: Oya winumire singiye gupfa…
Delicia yabonyeko atakundi yogira kuko yabonako naho
yoguma arindiriye ijambo rizoza riva muri Steve ataco
azohava amubwira……Niko guhita atimba nkumugabo avuga
ati«Steve Ntakubesha ndababajwe nukuntu wahemukiwe…..
nkanezezwa nurukundo ugirira umuntu…….arinaco
gituma…..Nagomba kuku menyeshako Nagukunze…»
Steve umutima urasimba ahita afukama imbere ya
Delicia amusaba imbabazi amubwirako yovyibagirwa kuko
atumva ashaka kongera gukunda…..
Yoooo,Delicia nawe yavuye kuntebe yari yicayeko nawe
afukama hasi asaba Steve amwinginga ko yokwemera
bagakundana….

Ariko Steve yanka kuvymva kuko atari akicishimira
ivyurukundo…….
[Aho hose baganira imvura yariko irarwa..]
Vyakabaye kera Steve yarahiye..Delicia yabonye nawe
kwatakundi yogira ahita asaba Steve ko yomwereka aho
aruhukira kuko yari yumva arushe….Nuko Steve kuko muriyo
nzu yarafise igitanda kimwe arinaco nawe yaryamako…
Yagiye amwereka aho aryama Delicia aba ariho
aryama….Delicia mukwitegereza aho aje kumuryamika abona
nezako ari mucumba ce….aho Steve yarahejeje kumwereka
aho arara yahise amera nkuwusubiye muri Salon Delicia niko
guhita amubaza ati« None wwe se urarara hehe..??
Steve: Genda wwe uruhuke je…Ndimenya uko ndibuze
kubigenza..
Delicia: Oya…nzineza kurushe kandi ntiworyama uhagaze
kubwanje….ahubwo niba hari igitanda kimwe turarana…canke
ntahe kugira uruhuke….!!!

Steve ntiyumvako ashobora kurarana na Delicia… Kuko
atamukunda….
Niko guhita amusabako yiryama hama nawe aje kwirarira
kuntebe….ariko Delicia yanka kuvyemera kuko aziko afise
uburuhe bwakazi yirirwa arakora …..Niko guhita yitorera ico
yariyazanyemwo imfungurwa ahita asohoka mumvura nyishi
kandi harino mwijoro hagati hanze hanateye ubwoba kuko
imvura yari nyishi….Niko guhita yisohokera arigira Steve agiye
kuryama abura amahoro kubwo umwana wabandi
arikujuragiza ataha mwiryojoro….Niko guhita nawe asohoka
amwiruka inyuma….asanga ageze kure Niko guhamagara
Delicia amusaba imbabazi amubwirako yoza akiruhukira
akareka gutaha mumvura…..Delicia nawe amubwirako
adashobora kubuza amahoro umuntu…..Nawe amubwirako
yemeye ko bararahamwe….Nuko Delicia yagarutse kwa Steve
yishwe ni mbeho kubwimvura avuyemwo kandi akaba atanuko
yariyagendanye ikoti…
nuko bageze kugitanda Delicia naho yari yumva imbeho we
impuzu ze zose yarazitaye….Steve nawe aja kurindera ubureta
bwo kwifuka kuko hari hakanye rwose….mukuja guhindukira
abona Delicia yazikuye zose yiyicariye kugitanda…..Steve
agira ukwikanga abura nico avuga…..Nuko yamuzaniye
ubureta kugira buze kumumara imbeho…Nawe ahita azimya
itara atangura gukura impuzu nawe yurira igitanda….uko
hahera akanya ninako Delicia yata ubureta ariko yegera Steve
amusabako yomufumbatira kuko yumva imbeho….arinako
yijugumiza rwose…..Steve yabonyeko atakundi ari ibiba
vyabaye ahita nawe yegera umwana
Ivyakurikiye ntumbaze jegusa mperuka Delicia yongirera
utuntu mugutwi kwa Steve…..Steve nawe ahita atwenga….

Nuko bwarakeye aho Steve ho yavyutse atevye bimwe biteye
ubwoba….Avyuka yumva umuntu arimugikoni ariko arateka
kuko Igikoni bari baracubatse….Steve yavyutse aja kuraba
uwariwe asanga ni Delicia ariko ararondera icayi
……yambaye aka eswime…gafuka ibikenewe gusa ….Steve
yihweza umwana kuva hasi muntege hose….abonako nawe
ataco abaye ariko agatima we kaguma kuri Nina…..Delicia
yagiye guhindukira asanga Steve yamutayeko amaso
nokumwihweza….
Delicia: Eeeeeewh ..Cherie wavyutse….??.
Steve mukumva izina Cherie ahita yibuka umukunziwe
Nina….uko bahamagarana….
Steve: Ego navyutse amahoro …
Delicia: Oooooh…vyiza jakumeza rero nkuzanire ivyo
gufungura nziko unashonje…..
Steve : Ariko worindira nkabanza nkaja muri douche…..
Delicia: Nonese narinziko tuza kujana muri douche uragomba
kunsiga…..
Eeeeeeeeh…Steve vyaramucanze atangura kwibazako yoba
yamuzanye munzu….

Yabuze ico yishura ahita yicara kumeza ararindira
araheza…..hama banywa icayi……aho bariko baranwa
nyacayi Steve yihweje Delicia abonako afise ivyishimo burenze
mumaso …..kubwo kuba arikumwe nawe……
Nikoguhita amubaza aho atahira……
Delicia ahita ahindura isura kuko yabonako naho yamaze ijoro
na Steve yabonako Steve atamwishimiye nagato….
Delicia ahita asaba Steve imbabazi avuga ati« Steve
ndagusaba imbabazi kuvyabaye nijoro……kuko nagukoresheje
ivyutashaka gukora kuko wifitiye uwo wikundiye kandi
mbonako bidashoboka ko womwibagira…….Nyemerera basi
umpumurize umutima mugihe utarabona Nina twibanire…..N
dakwemererako nzokubahiriza uwo wahisemwo umusi azazira
nzokureka mwibanire…….
Yooooo,Steve vyamuteye ikigongwe ahita areka kubabaza
umutima Delicia baribanira ibihe nibindi….
Arinako abandanya atunganya inzuye……
Nuko ibihe vyaragiye Steve ararangiza inzuye…….arinako
Nina nawe yaje kurangiza amashure aho….. Urubanza rwe
rwari rwitabiye abantu benshi batandukanye uwari imbere
nawe yari Derrick……aho uwo musi Naba vyeyi ba Nina naba
Derrick ariho bari bibereye kugira banezerwane nugutsinda
amashure kwa Nina…….arinawo musi Derrick yahaguruka
ahawe ijambo nkincuti ya Nina yambere….NGO ashikirize
ijambo….aho yaje nogusaba Nina ko yokwemera agahita
amubera umugore……..Nina nawe ntiyavyanse yaremeye ko
aguye kumubera umugore …..Aho Ange vyamushimishije kuko
nawe Derrick yaciye amugabira imodoka kuko ariwe yagize ico
amufasha kugira Nina yemere ko bakundana na We……..Uwo
musi wabaye Nina yabaye yuguruye ibintu vyinshi aho Papa
Derrick nawe yaciye agabira bimwe mumatungo yarafise Papa
wa Nina……… Ntivyahereye aho Derrick nawe yongeye afata
ijambo amatungoye yose ayandika kuri Nina…….
Yoooooo,vyabaye ibintu vyivyishimo gusa…..

Nuko Steve inyuma yikuza kurangiza kubaka inzu yakarorero
isize nibara Nina yakunda rwose mubuzima ryanabera ibintu
vyinshi………Steve inzuye yagiye gukundwa nabantu
benshi…..kuburyo nko kumusi haza abantu nka 10 bipfuza
kuyigura ngobamuhe amahera ngo ayivemwo ariko
akanka……akagerageza kuvuga amahera yumurengera kugira
abantu batunye ntubagume baza kuyimugurira ariko
bakamusabako yibaha umwanya bakayarondera hama
bakayamuzanira kugira ibe iyabo……bayazana agiye kuyakira
yaraba nyanzu akabinamwo ishusho ya Nina agahita areka
kuyidandaza……kuko yama abanako umusi numusi Nina
azogaruka……
Nuko duko imisi yagenda ninako Abagwiza tunga bapfuza iyo
nzu baguma baba benshi
………….Yabonyeko atako ari bubagire ahita arondera
umuzamu wo kurupangu kugira azoze arabasubiza
inyuma…….aho hose bibanira na Delicia muri urwo ruzu
rwose………

Nuko ibihe vyarigiye igihe kiragera cubukwe bwa Derrick na
Nina…..
Aho Nina uwo musi bari bazindutse bamutegura kuko bwaca
agira ubugeni…….Aho hose baba barikumwe na Ange incuti
bamanya bayaga uko bagiye gusigana…..
Ange: Cherie koko ugiye kunsiga….
Nina: no!!wanje tuzokwamana turikumwe kuko twabanye igihe
kirekire…..
Ange: Nonese muzo ca muja kubahe??
Nina: Oooooh…Cherie wanje arambwirako ariko ararondera
inzu zizimvye kandi zigezweho tuzoca tuna kubamwo…..
Ange: ooooooh…..Cherie eeeeweh..harivyo ntari nakweretse…
Nina: ibiki se…..??

Ange : hinge nzane ndakwereke …..amazu agezweho Derrick
yari yazanye kumafoto kugira uhitemwo iyo ushaka….kugira
mugire ubugeni yamaze kuyigura….
Nuko Ange yagiye kuzana amafoto ariko nyanzu……aha Nina
atangura kwitegereza inzu zubwoko butandukanye……..
Yaje kugera kunzu isize ibara ryera rimwe yakunda mubuto
bwe ……agize ngo arabe ifoto yanyeneyo asanga ni………….
………………….
…………………………..
…………………
Eeeeeeehhhh….Basha ibintu bigiye gukomera koko….Mbe
basha yoba ari yanzu ya Steve???
Niyaba ari Steve biza guca bigenda gute???

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s