RWAGIYE HE EPISODE 16


img_0853-15

Episode 16
★★★★★★★★★★★★★★★★
Duheruka Nina ariko ariweza inyubako nziza yakarorero….h
amwe nifoto ya nyeneyo….
Tabandanye…
Nuko Nina mukwiweza ifoto….agira ugukanguka atangura
kubaza Ange iyo iyinzu iherereye nawe amubwirako yubatswe
mucaro iwabo……..Nina aho nyene yaciye araba
Nuko tugaruke gato mucaro kuba Steve aho yari yicaranye
nuwo bari bikundaniye kandi yamukunda aho bariko
barayaga…..
Delicia & Steve…
Delicia: Cherie ndagukunda….!!!!??

Steve: Nanje Baby narakwihebeye……
Delicia: None Cherie kufise amatungo menshi urategekanya
kuzo vyara ryari??
[[[Steve abura ico yishura kuko yabonako Delicia yipfuzako
boba umwe akaramata……]]]]
Steve: Baby no….kuvyara nzovyara ntiharagera ndacafise
ibindi vyo gutunganya…..
Delicia: ibiki ibindi se Cherie?
Steve:hahahaahhaha…..baby ivyubona nibike biracaza….
Delicia: Nonese navyo nibiki??
Steve yabuze ukuntu yomubwira ibanga rye na Mama we
umuvyara…..abonako atanico vyomara…..ahita amubesha
ati«Chuchu…….Nkunda gukora ibintu vyibi (surprise)
wonyemerera rero bikazoba surprise navyo…??»
Delicia: Cherie ntaco nokwankira kuko nduwawe…ahubwo
bizou….
Nuko yagize kuca aramusoma…….Agiheza gusa kumusoma
umuzamu yaraje avuga ati «koko banyakubawa….akazi
wampaye kariko karagenda neza rwose…ariko hari umwana
muto ari kumuryango aje ambwira ati « Ashaka Delicia kuko
Mama we amerewe nabi cane……Kandi yipfuzako yonyaruka
kuko afise ivyo yipfuza kumubwira…!!!»….»

Delicia yagize ukwikanga atangura kurira yibaza ico Mama we
abaye….
Steve: Cherie ihangane ureke kurira tumanze twumve uko biri
hama tugende kumuraba……
Delicia: Chuchu….ahubwo reka ngende nje kuraba
Mama….ndagaruka….
Steve: Tegereza basi nkurabire uko ugenda….
Nuko Steve yinjiye munzu aha azanira ama faranga atarimake
ngo aze kwitaho neza Mama we niyasanga aremvye..
Nuko Delicia yasomye Steve anamushimira….
……Nuko ahita agenda….Steve nawe asigaraho ariko arinwera
inzoga… uziko yari yarabaye umugwiza tunga….
Nuko tugaruke mumuji….aho Nina bari bamaze kumushikana
mubitaro ataranatiro nubwenge kuko yari yaravye………….
abavyeyi be bose bari bamaze kuhishikira eka nabavyeyi ba
Derrick niho bari bari……aho bose bataribwatahukirwe ico
Nina yabaye…..Baguma babaza Ange uko vyagenze……ange
nawe ati « Koko nanje sindabitahura kuko mperuka ndiko
ndamwereka inyubako zizimvye…..aho twagihe kugera kuri
iryafoto ubona yaravye afumbase mukiganza ce ahita araba
kubwo kubona nyafoto…….

Nuko basavye muganga ko yogira ico abafashije bagakura
nyafoto mukiganza ca Nina kugira bihweze neza ivyarivyo….ar
iko muganga ababwirako iyo umuntu yaravye afumbatse ikintu
ashobora guca arwara ihahamuka asanze ico yarafise
atakigifise kuko arico gituma azakuharura ubwenge neza iyo
akiravye………
..Bose babaye nkabataye ubwenge bibaza ico bagiye gukora
kugira atore ubwenge…..Bibaza icoyabonye kuriyo foto ariko
barabura kuko batari bazi ivyoyabonye…….Aho hose Derrick
ntiyaribwashike ….ariko Papa we yaguma amurondera kuri
fone yumva ijimije……
Nuko amasaha yaragiye Nina aja gukanguka bugorovye aho
bose bari batanguye kwibazako yoba yapfuye…..aho
yakangutse ahamagara Steve arinako akorora amosozi
asanuwihevye….
ati « Steve mukundwa wa mbabarira»
Yioooooo,muganga yamufashe kumutima amusabako yo
tekana…….
Nina: None se ahandi nahageze gute??
Muganga: Manza utekane turakubwira ukovyagenze….
Nina: Oya muganga…..ndabona ko ndimubitaro……we gusa
mbwira ukuntu nageze hano….
Muganga: Ego basi reka nguhamagarire umwe mubakuzanye
akubwire…..
Nina: Urakoze muganga….ariko ngire ico ndakwibariza…
Muganga: Ego mbaza….
Nina agiye kuvuga…..,….yumvise afise ikintu mumaboko kandi
afumbatse … Ahita afungura ikiganza amanza yihweza neza
yafoto ya Steve ahonyene ahita yibuka ubuzima babayemwo
na Steve….Ahita akorora amosozi……avuga ati« koko
Steve..uracariho?? Icampa ukambabarira…..kuvyo nagukoreye
vyose…….»

Yoooooo,akorora amosozi arinako yicuza kuvyiyakoze……..
Muganga yabonye ko yishwe namaganya…ahita amanza
kumuhoza…..Nina nawe ahita amubwira ati« Muganga….ndag
usabe ugende umpagarire Papa wanje aho hanze…..»
Nuko muganga yagiye hanze ahamagara Papa Nina
amubwirako umukobwa we yakangutse…..kandi ubwambere
nambere yipfuza kubanza kuvugana na Papa we umuvyara……
Bose mukumva ko yakangutse bagirq ukwishima……gusa aho
hose Derrick ntiyaribwashike…..
Nuko Papa we arinjira asanga Nina ahari ariko ararira…..Yoo
ooo,Papa we atangura kwibaza ikimuriza….Niko kumwegera
agiye kumuhoza ngo aceceke Nina nawe amubwira ati« Papa
iyuza kubishaka ayamarira ndiko ndarira ubu simba ndiko
ndayarira»
Papa Nina: koko mwana nigiki wamburanye??
Nina ati« Papa wa ndishije umutima kuvakera wipfuza inyungu
zawe……none vyose narabigukoreye nemera kubabara jewe
ubwanje..,…utako uranambesha ngo uwo nakunda ngo
yarapfuye ngo ndamuhebe……utako unandungikira nikete
ryububeshi….kubwa matungo yakugize nabi………Vyose
ubikora kugira unyicire umutima….»

Papa Nina yaciye abinako umwana we yamenye ukuri
kukungene vyose vyagenze……Niko guhita afukama amusaba
imbabazi kuvyo yamukoreye vyose amubwirako yoraba
akemera agashika neza mumatungo ya Derrick…..kuko NGO
ivyabaye vyamaze kuba…….
Yoooooo,Nina yihweje Papa atangura kurira amubwirako aho
vyakabereye arikera…..adashobora kwubakana na
Derrick…..kandi ko kugira aze amubabarire arukk nawe azoba
yabanjwe kubabarirwa…..
Papa Nina: nonese mwana kuvugako utazokora ubukwe na
Derrick kandi hageze ari aho bukera…….ubukwe uzobukora
nande…..
Nina yihoreye yanka kubwira Papa we ico yabonye kuko
yohava amutangirira imipango ariko arapanga……
Nuko yarihoreye barataha…….aho Derrick bari bamushikirije
iyo nkuru yuko Nina yari yaravye…..ahita yandikira Nina
amubaza uko amerewe ariko Nina yanka kumwishura kuko
yasa nkuwubabaye……..Derrick amuterefona nkincuro zishika
kuri 10 ariko Nina yanka kwitaba…..aho nyene muri iryo joro
yakije imodoka yari yarahawe na Derrick yerekeza mucaro
iwabo agiye kuraba Steve………

Nuko mugatondo kakare mucaro………ngo ba….Nina yari
yamaze kwishikira kurugo kwa Steve abanza arahihweza…..
kuko rwari urugo runini kandi cane…..yararuravye yicwa
nagahinda yibaza igituma yamutaye………Nuko yabajije
umuzamu ko ashobora kubonana na Boss waho……ariko
umuzamu yanka kwemera kuko yari yaramubujije kumuzanira
abantu babakire baje nimodoka zihenze kuko baba baje
kumusabako womugurira iyo nzu nawe atavyo ashaka………
Ariko Nina yagerageje gutakambira umuzamu amubwirako
atagenzwa ninzu ahubwo yipfuza kubonana na boss
gusa…..nuko yagiye asaba Steve ati« boss Ndabona akazi
kariko karagenda neza ariko harumuntu aje antakambira
yipfuzako yobonana nawe……Nonese ndamureke yinjire.?

Steve yibaza uwo muntu awariwe atagenzwa na mahera
ahubwo agenzwa nokubonana na Steve Niko guhita
amubwirako yomureka akinjira…..
Nuko Nina yinjiye murupangu atangura kwuhweza indani uko
hasa aribura kuko hari hateye igomwe…….nuko yageze muri
salon asanga Steve yiyicariye muguhuza amaso na Steve
Bose……………………………………………………..
……………………………..
Yooooooo,MBE basha araza kumubabarira ………konziko yari
yaramwikuyemwo.???
Mbebasha aho Delicia azakugarukira bizakugenda gute???

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s