RWAGIYE HE EPISODE 17


img_0853-27

Episode 17
★★★★★★★★★★★★★★★★
Duheruka Nina yishikiye munzu kwa Steve aho bari basubiye
guhura…..amaso kuyandi…..
Tubandany……
Yooooooooo,Steve mukubona Nina umutima utera wihuta
bimwe biteye ubwoba ……..Eka impande zose ntanumwe yari
yorohewe kuko na Nina umutima watera nkuwa Steve……….
Steve atangurq kwibaza ikimuzanye…..kandi yaramuhemukiye.
…..
Yoooo,Nina yatanguye kurira…..amarira yurutavanako…
…Steve abura ivyarimwo kuko yumvako adashobora
kumubabarira……(ariko vyarivyo kwihagararako…..kuko
ntiyarazi ikimuzanye….)
Nina yararize kugeza naho atinguvu ……ariko atajambo
narimwe rurasohoka mukanwa ke…… Steve we yakomeza
kumwihweza nkaho umengo ntabona kwababaye……….
Nuko inyuma yiminota 20…..Nina akiriko ararira……Steve
yasavye Nina ati « Womfasha ukava hasi ukicara kuntebe
kuko mbonako uriko urababara??»
Nina yavuye hasi yicara kuntebe….ariko atagusohora nijambo
narimwe…..
Steve yakomeje kwihweza Nina araba ukuntu asigaye ari
umuzungu kubwitunga ryabaye ryinshi……ariko abura ico
avuga arinumira……Kuko atarazi ikimuzanye…
Nuko tugaruke mumuji aho bariko barategura ubukwe bwa
Nina na Derrick…ariko batabona umugeni iyo ari…..Aho bari
bacanga niwe…..batazi ibiriko biraba……
Nuko Papa Derrick yihereranije Papa Nina amubaza uko
bimeze amubaza niyo umukobwa we ari…..ati« Umverero
wamugabo we wewe ugomba kundira itunga ryanje mwe
numwana wawe????
Papa Nina: Oya nshuti yanje….ivyo ntavyo nokora ….uzi
nubucuti dufitaniye…..
Papa Derrick: Nonese nonaha umukobwa wawe ari
amajahe??….Kondamuheruka igihe aguhamagara ukamusanga
mucumba cibitaro…..ubwo ntimwapanze ingene mwondya
itunga???
Papa Nina: oya kabsa nkicuti twabanye kuva kera nakugabiye
vyose kandi ntaco noguhisha ndakizi nanje sinzi iyo ari……
Papa Derrick: Nonese Ubukwe bwumuhungu wanje bugira
busibe….???
Papa Nina: Oya ntibushobora gusiba kuko umukobwa wanje
yakunda cane umuhungu wawe….urumvako yomuta akaja
hehe???
Papa Derrick: nonese umuhungu wanje aja kumenyera ko uwo
yakunze twamubuze biraza kugenda gute??
Papa Nina: Tugerageze kubimuhisha kugira hatagira ingorane
zaduka……kuko nanje sinzi ivyarivyo……
Papa Derrick yapfuye kuvyumva uko kuko yabonako atakundi
yogira…..ahita yihorera…..
Nuko amasaha yaragiye….ibibazo arivyinshi bibaza iyo Nina
yaroye kuko atanumuntu numwe yari yasezeye………….Nuko
Derrick kuko bari bamutwaye kure yaho Nina bari
bamusize….NGO ntibabe hafi nahafi imbere yubukwe
bwabo…….Niko kwumva inkuru yuko ubugeni bwasivye kuko
Nina batazi iyo ageze…….Yooooooo,Derrick yahatswe
kwiyahura…ahita afata imodoka ava iyo yarari vyihuta asanga
bose bajumarariwe kuko atanumwe yarazi iyo Nina
ari…..Yoooooo,Derrick yegeye imbere mubavyeyi be naba
Nina….ahita Afukama hagati yabo atangura kubaza ivyo
bamugiriye ivyarivyo arinako arira nkumwana akivuka kuko
yakunda Nina cane….Yooooooo,Derrick yatakambiye abaraho
bose ngo bamubwire iyo Nina ari ariko habura nuwuvuga…….
yooooo,ukurira kwa Derrick kwababaje benshi…..gushika aho
Mama derrick nawe atangura kurira yagiriza Papa Nina ko
yoba azi iyari kuko inyuma yokurabuka ariwe muntu
bavuganye……
Yooooo,Derrick mukumva ivyo Mama we avuze yegereye Papa
Nina……ahita afukama mumaguru ye….amusaba ko basi
yomubwira ivyazi kuri Nina……Yoooooo, Papa Nina yabinyeko
atakundi yogira ahita ababwira ivyo Nina yamubwiye vyose
igihe yahamagazwa mucumba cibitaro…..
Amubwirako yatahuye ko naho twamubeshe ko uwo yakunda
nawe Atari uwundi ari Steve ko akiriho inyuma
yokumubeshako yapfuye……
Yoooooo,Derrick uko yumva ivya Nina ninako amarira
yongerekana…….
Yooooooooo,…Ncuti urukundo rurababaza cane
kuwuhemukiwe……
Nuko tugaruke mucaro kwa Steve…….Aho guhera cagihe
atamuntu numwe yaribwa vugishe uwundi…..muga Nina yari
yacecetse kuko yabonye kuguma aririra umuntu ataniko
amunezwe atakamaro….
Aho bose baguma barabana….atawuvugisha uwundi kuva
mugatondo gushika bugorobe…..
Nina yabonyeko atakundi biribugende abaza Steve ati « None
waje kurokoka gute muri ryasanganya ryimodoka…..wamusi
umanuka….
Steve: IMANA yarakinze…..
Nina: Ooooooh …IMANA ishimwe…..none woba wanyibutse??
Steve: agira ukumwenyura gato….yibaza igituma ariko
aramubabaza utubazo nkutwo…..
Steve: Nonese weho wanyibutse….??
Nina: Ego kabsa….
Steve: Nonese kowatevye gutaha kandi usiga umugabo
murugo??
Nina agira ukwikanga…..
Steve: oooooh..umbabarire nivyaba bikubabaje…..ariko
nubundi watevye gutaha….
[[[[Yoooooo,Steve ntiyashaka kubona Nina kuko ukuntu
amwishura biteye ikigongwe…….]]]]]
Nina: Nonese wanka incuti ziza kukuramutsa…..???
Steve: oya…..ahubwo nkunda abitaho abandi……
Nina yahise akorora amosozi kuko yumvako Steve ariko
aramukora munkovu mukuvugako atigeze amwitaho……
Steve: Nonese murategekanya kurara hano??, canke muraza
gutaha???
Nina: Wombabarira basi nkarara hano rimwe gusa…..
Bakiriko barayaga menshi Delicia yarashitse……
Asimbira kuri Steve amusoma bimwe vyinkumbu nyishi
cane….. Nina arabiweza aca abonako bamaze kumutwara……
Yoooooo,kuko Delicia atari yabonye ko hari umuntu yicaye
ngaho kuko yaramenyereye iyo nzu ari iyabo be numukunzi
we……yagize NGO arabe hakuno abona umukobwa ahicaye
ahita abanza kurekura Steve….. Avuga ati« Chuchu koko uri
umwana mubi urabona ukuntu utari wambwiye ko hari
umushitsi ngo ndamuramutse???
Steve: mbabarira koko sinari navyibutse…..
Yiooooooo,Hoho Nina amarira yiyongereye bimwe biteye
ubwoba kubwo kumvako Steve atanuko yari yibuka ko
atawuhari……vyumvikanako atakibanza agifise mumutima
we…..
Yoooooooo, Delicia yihweje Nina abona ariko ararira Niko guca
abanza kumuhoza muga atazi icoyabaye……arinako abaza
Steve ico yoba yabaye……..
Steve nawe akamubwira ko atazi ico yabay……..Nuko Delicia
yiyegereye Nina amubaza icoyabay uziko yanakunda na
bashitsi….ariko na Nina yanka kuvuga kuko yasanze aje
kuvyonga abamaze kwibanira…..
Nuko Delicia yabonye atanumwe ashaka kuvuga icabay ahita
abihorera…..Bagiye kuryama Nina bamwereka aho.. Akwiye
kurara….nabo Baja mucumba Steve yoooo,yihweje Nina
abonako yoba yarazanywe nugusaba imbabazi ariko akibaza
iyo uwo yabonye basomana mumuji icobapfana……
Nuko bwarakeye……kare mugatondo Delicia yariyavyutse
guteka icayi aho Nina nawe yavyuka Kare asanga Delicia
ariguteka icayi….amubaza ati« Ncuti…..umukunzi wawe yoba
yavyutse ngo ndamusezere ko ngomba gusubira iyo naje
MVA….
Delicia: Nonese komugiye kugenda tutamenyanye??? Kandi
mwaraye hano??
Nina: ooooh,umbabarire nasanze bitari ngombwa konza
hano…..
Delicia yinginze Nina ngo amubwire ivyarivyo…kubwo
gutakamba rwose Nina yicaye amubwirako ariwe Nina……
Mukuvuga iryo zina Delicia umutima urasimba amubazako
ariwe yahora akundana na Steve….nawe amubwirako…ar
iwe……
Yoooooo,Delicia yumvise nkaho umengo agiye kuva kuri Steve
…….
Nuko yabandanije kumubwira…..Bakiriko barayaga hari
uwadodoye……Delicia aja kwugurura asanga ni umuntu
wumu………………………………………………………
…………………………
…..
Eeeeehh,Mbebasha ninde?? Ko Delicia atangaye mukubona
uwo muntu??

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s