RWAGIYE HE EPISODE 19

img_0853-18

RWAGIYE HE?
Episode 19
★★★★★★★★★★★★★★★★

Duheruka Steve yumvise ko hari ikibaye kuri Nina niko guhita
ata telephone hasi……….abwira Mama we ko Nina
agonzwe……
Tubandanye…..
Nuko Mama Steve yasavye Steve ko yotebuka akaja kuraba
uko amerewe…..Nuko yafashe imodoka vyihuta…..aho hose
Steve yagenda Delicia yararaho ntiyabona ivyo barimwo be
numukecuru yumviseko ari Mama we……
Nuko Steve yagiye numuvuduko mwishi kuko yumvako
niyateba ahava asanga Nina apfuye……akiriko aragenda niko
kubona Telephone isona agiye kuraba abona niza nimero za
Nina ziterefonye……agira gukanguka yibazako yoba ari Nina
amuhamagaye ………Niko guhita yitaba fone yumva umuntu
wumugabo amubwirati« Muratwihanganira Nina aragonzwe
kandi uwumugonze yabandanije agenda ntitwigeze tumubona»
Steve: Nonese aracarimuzima???…..Hohose bamugongeye
he?
Mugabo: Yego aracahema muga nuko amerewe nabi
rwose…..Habura ibirometero 10 (10km) kugira agere mumuji
kuko yaraje ava mucaro….
[[[yooooooo,Steve icizere caragarutse…..kuko yari
yihebuye…..]]]
Steve: Ok…. Ndagusabe wwe nyene turiko turavugana
umfashe umugeze kubitaro…..mukanya ndaba ndahageze……
Ndakwinginze Kandi ubikore ndibuze kuguha icuribuze
kunsaba cose……

[[[Yoooo, Steve kabsa arakora icarico cose kugira Nina
arokoke kuko afise ivyamushakako kandi vyinshi……Kiretse
urukundo…..Nitunga ririmwo..]]]]
Nuko inyuma yisaha Steve ahejeje kuvugana na wa mugabo
yari yamaze gushika kubitaro aho bamutwaye…….
Mukugera kubitaro asanga wamugabo bavugana nawe yari
Kenny umwe bigeze kugirana impanuka(accident) hamwe
bakarwarira hamwe…..akaba arinawe yamwihebeye kugira
Steve aronke akazi kigisoda……..
Yoooooo, Steve yarishimye nokwongera guhura na kenny iyindi
ncuro bose bakomeye……
Nuko Steve yasavye Kenny ko yoguma hafi akabanza akaraba
Nina uko amerewe hama baraza kuyaga kuko bari
bakumburanye…..
Nuko Steve yegereye abaganga abaza uko Nina ivye vyoba
vyifashe nabo bamubwira ko Bashimira IMANA kubona
bamugejeje kubitaro hakirikare kuko babonako ashobora
gukira……..ngo naho iyo bamutebana yarigushika
yapfuye…….
Yooooo,Steve yumvise ko kenny yagize ico afasha kubuzima
bwa Nina…….Yaramwishimiye……
Nuko Steve yegereye Kenny amushimira kuvyo yamukoreye…..
.kenny nawe amubwirako vyari ngombwa ko abikora kuko
yarabona ko yarageze habi……
Nuko bicaye hamwe baba baraganira…….
Kenny & Steve
Kenny ::Steve umbabarire ariko urya numukunzi wawe??
Steve: Yego….yaravuye muhira atashe iwabo…aho twariko
turayaga numvise ikintu kivugiye muri fone nkaho
haruwugonzwe….mukuja kuvuga numva ntiyishura niko guhita
menyako ariwe agonzwe……
Kenny: yooooo, pole sana…kabsa…

Steve: murakoze….Kenny ahubwo mpa yafone ye nterefone
abavyeyi be ndababwire ivyamushikiye……
Nuko Kenny yarayimuhaye atelefona Papa Nina……
Papa Nina mukubona fone ya Nina imutelefonye agira
ukwikanga anaryohewe kuko umwana we yongeye
kuboneka…..
Nuko yayitavye ivyigihutihuti avuga ati« Nina mwana wanje
nonaha ndimukwicwa kubera ibura ryawe….nahawe imisi Ibiri
gusa ninaba ntarakubona ndaba nishwe….
Yooooo,Steve mukumva ivyo vyose yumvisr ikigongwe….
Ahita yishura Papa Nina ati« wesha wamugabo we uwo
muvugana sumukobwa wawe….ahubwo natwe harivyo
dushaka kugira mumubone ari muzima……
(((Eeeeeeeh,umve imipango ya Steve aciye apangira
ahonyene..kubwo kumvako Nina aronderwa nkurushinge….)))
Papa Nina: Nonese tugire gute kugira Nina aboneke???
Steve: musabwe gutanga bimwe muvyamatungo yanyu…..
Papa Nina: Ego kabsa ndakora ivyo mushaka vyose muga
Nina aboneke…..
Steve: yeah gira ningoga mwiyumvire ivyo mushobora gutanga
mumatungo yanyu kandi vyagaciro kugira mumubone……naho
nimwatevya muzomubona arumupfu….
[[[Aho hose Nina ntiyaribwakanguke……sha Steve biribuze
gutuma asubira kumatungo yase…..]]]
Nuko bongeye kuba bariterera inkuru na Kenny….
Kenny: Steve koko ubu warabay umuntu wumugabo…
Steve: Kenny vyose ndabikesha wwe kuko Uzi ivyo
wamfashije…..
Kenny: Yeah…..nonese Steve ubu uza ugeze kwigarade ryande
mugisoda???

Steve yahise yunamika umutwe…..
Kenny: Steve kuciye wunama ubaye iki??
Steve: inyuma yaharya naje kuva mugisoda.
…kuko nahatswe gupfira kurugamba…..kandi umbabarire
kubona narakwiciyr amahirwe wari wampaye kubuntu…..
Kenny: oya ntaco…..ntakwicuza zari impamvu zubuzima…..
Steve: urakoze….Nonese Kenny ubu ukora iki.?
Kenny: nooooo….kuva kiryagihe kugeza nubu ntakazi
ndasubira kuronka….
Yooooo,Steve yumvise ababajwe nawe nukuntu Kenny asigaye
abayeho……
Niko guhi amusabako yokwihangana IMANA izo
vimufashamwo kuko itibagira uwayo…..
Nuko bakiriko barayaga Muganga yaje guhamagara uwazanye
Nina mubitaro amubwirako yakangutse…..
Nuko Steve yagiye kuraba Nina…..
yoooo,Nina mukubona Steve arishima yongera arangazwa
nokubona ariwe ahageze ubwambere…..
Yoooooo,Steve mukubona nawe uko Nina yabaye yasanze
amosozi yamutanze hasi……kuko naho ataribwagarure
agatima kurukundo…..yaragize impuhwe zukuntu
yabaye….kuko yarafisr igipasuma kumutwe ……..
Nuko yegereye Nina amusaba imbabazi kuko ivyabaye kuriwe
yabinako abifisemwo uruhara…..kuko ariwe yamuretse akava
iwe kandi anamubabaje….
Yooooo,Nina mukubona uko Steve amugirira impuhwe….yari
shimye…..bimutera kuguma atora mitende……
Nuko inyuma yisaha Imwe Nina bari bamaze kumuha
akagendeshwa kabavunitse kuko yari yagize ikibazo
mumaguru muga bamubwirako azo kira hama akagenda…….
yoooooo,Nina yasa nuwihevye kubwo kubona abaye
ikimuga…..
Yooooo,Steve yitegereje Nina ukuntu ababaye abonako
ategerezwa kugira ico akora kugira agarukane ivyishimo…….
Nuko Steve yarishe ibitaro…..anasezera Kenny we bamanye
kuva kare bategereje ko Nina akanguka….. amushimira kubwo
ubufasha yatanze……
Anamusaba ninimero kuko yipfuzako boronka akanya
bakayaga….
Nuko Steve yatahanye Nina murugo iwe abimusavye……kugira
aronke ingene yoshikira neze ivyo bamye baravugana na Papa
we…..anamunyegeza ko yavuganye na Papa we
…..anamwima na telephone amubwirako atayo bigeze
babona…..

Nuko Steve yasize Nina mumodoka ye aramutahana aho
bagenda barayaga
Nina & Steve
Nina: Steve vyagenze gute ngumenye ko ngize ingorane???.
Steve:agihe twaganira ……ndakubaza nkumva ntiwishura
nahise menyako hari icabaye…. Niko guhita nza nka kwitaho…
Nina: Wakoze cane….
Steve:Vyakabay ngombwa…..
Nuko bwagorovye ashikanye Nina murugo…..mukugera
murugo Nina aho hose yagendera kuka gendeshwa
kibimuga…..
Aho Mama Steve yishimye kubwigikorwa Steve akoze….Aho
Delicia yagiye kwakira Steve amububwira ati« chuchu ko
watevye??»
Steve: nari natebeye mukwitaho uwo nakunze……
Yoooooo,vyanezereye cane Nina abonako agifisweko
agatima…..
Nuko Steve na Mama we babandanije imipango yabo….
Steve abwira Mama we uko yavuganye na Papa Nina nivyo
bavuganye…..hamwe nivyo yamusavye…..
Nuko hageze kuja kuryama Delicia yibwiriza kuja gusasa
icumba cumushitsi…kuko yabonako Nina ahava yongera
kurara….
Nuko yahejeje gusasa asaba Steve ko yoreka Nina akaja
kuruhuka kuko arushe kandi asanzwe anagwaye……
Steve nawe ati« Ahubwo wwe genda uryame uyu ndamenya
uko ndamwitaho….
Yooooo,Delicia mukwumva ivyo yahise abonako Nina atanguye
kwigarurira umutima wa Steve kuko Steve yarasigaye
atamuvugisha…..
Nuko Delicia yagiye kuryama mucumba cumugabo….Steve
nawe ahita yijanira Nina mucumba cabashitsi….baryama
hamwe….
Yoooooo,Nina yasa nuwuzuye Ivyishimo….kukubona uko
Steve aguma amwitaho….akanamuba hafi…..
Nuko bwarakeye,aho Nina ariwe yatanguye kuvyuka agize
kuno ngo arabe kuntebe ngaho hafiye aza abona ya telephone
ye…..agira ukwikanga yibaza igituma Steve yamubeshe ko
atazi iyo iri kandi ariwe ayifise]]]
Nuko yahise ayifata akompoza inimero za Papa ………………..
…………………………
……………………………….
Eeeeeh.,,ubwo Nina ntagomba atelefone Papa ahava yonona
imipango ya Steve….mbebash biragenda gute???
Mbe Papa we niyamubwirako bamusavye amatungo kugira
bamurekure ……Nina aravyifatamwo gute??

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s