RWAGIYE HE EPISODE 20


img_0853-19

Episode 20
★★★★★★★★★★★★★★★★

Duheruka Nina agira atelefone Papa we…
Tubandanye nuko mukuja kuvuga Na Papa we Steve
yarikanguye yumva Nina asankaho arikuvugira kuri
Telephone….

Nina: Bite Papa?
Papa Nina: yoooo,Mwana wa uracari muzima??..
[[[Aho hose Steve yariyavyutse ariko arumviriza uko Nina
avugana na Papa we..]]]]
Nina: Ego Papa nonaha ndacahema….
Papa Nina: nonese bakurekuye??
Nina: bande baribamfashe???
Papa Nina: Aaaaah…mwana wa reka kwigira umuhatari….mb
wira uko wavigenjeje…
Nina: Ibiki ga Papa…sindiko ndagutahura..!!!
[[[Yoooo, Papa we yibazako Nina yabonye telephone
ye…aruko abanje gutoroka abamutelefonye……kumbe nimitwe
ya Steve]]]
Nina akiriko arasaba Papa we ko yomusiguri ivyariko
aramubaza Steve yahise amwaka Telephone…. Ahita
akupa…..
Nina: Steve …..kuberiki unyatse telephone ugahita uyikupa
turiko turayaga na Papa…..
Steve mukubura uko abimubwira ahita amuhenda ati«
Nina…wihangane muganga yaranseko wovugira kuri fone….
Umwanya muremure nkuyu kandi ukimerewe nabi….Ninaco
gituma naguhishije ko fone yawe arije ndayifise..
[[Nina yari atanguye kurakara ariko ahita atuza kuko
yumviseko Steve ariko aragerageza kumwitaho…..]]]
Nina: Yooooo,Urakoze…

Steve: Vyakabaye ngombwa….ariko reka nkuvyure ngushire
kukagendeshwa ngutware hanze gufata akayaga….
[[Yoooo,Steve…MANA we yitaho cane Nina….]]
Nuko yafashe Nina amuterurira gahoro gahoro
nokukagendeshwa ke…. Ahita amutwara hanze gufata
akayaga…..arinako bakomeza kuganira batera inkuru….
Delicia yabaraba uko bishimanye akabonako atakundi yogira
kugura Steve asubire amubone…..kuko Nina yishikiye……
..Kandi akabonako Mama Steve yishimira ko Steve yogumana
na Nina…..
Nuko Steve yagerageje kunezereza Nina kugira yibagire
impanuka yahuye nayo…… Aho yaza aramukinisha…
..amuririmbira….eka vyinshi bishoboka…..
Nuko tugaruke mumuji aho isango rya Derrick na Papa Nina
ryari rigeze….
Nuko Derrick yaraje abaza Papa Nina ko yoba yarabonye aho
Nina ari……ariko Papa Nina amubwirako atahazi ngo
kuberako Nina bamunyuruje…..
Derrick mukumva ivyo umutima urasimba atangura kubaza
Papa Nina uwo muntu yoba yarubahutse umwamikazi
wiwe……
Papa Nina nawe amubwirako bamunyuruje kuberako arya
matungo Derrick yamwanditseko kuko bamusavyeko yotanga
bimwe muvyo afise kugira turonke Nina canke ngo
bamwice…..

Derrick mukumva ivyo niko guhita asaba Papa Nina ngo
amuhe Telephone ngo bivuganire nuwa mu telefonye……
Nuko Derrick yatelefonye kuri yatelefone ya Nina irasona
Aho Steve yararikumwe na Nina ariko aramuyeramisha…..Niko
guhita abona fone ya Nina yongewe gutelefonwa na Papa
Nina……ahita ahisha Nina ko bamutelefonye ahita amusaba
ko yoguma ngaho gato……ahita aja kwitaba nya
telephone……
Nuko Nina yigumiyaho kuko yarasanzwe ari nakamuga…..
Derrick na Steve
Steve: yeah….
Derrick: Mwebwe muribande mushobora gufata uko mushatse
umugore wanje??
[[[Steve mukumva ijambo umugore ishavu riramurya …]]]
Steve: wewe jewe nta mugore wabandi nafashe jewe nafashe
amatungo……ahubwo nubandanya umvugisha menshi
uzomuronka arikiziga……
[[[[Mamawe iterabwo rya Steve]]]]
Derrick nawe mukumvako ibintu bikomeye yahise yicisha
bugufi…..
Derrick: Ego basi ndibuze kuguha ico ushaka ariko unsubize
urukundo rwanje…..
Steve nawe yahise amusaba ko yomuha bimwe mumatungo
ya Papa we….kugirango nawe amuhe Nina….
Nuko babandanije kusabana ivyo basabana……bapanga nuko
bizogenda…..
Nuko tugaruke aho Nina yari yicaye aho Delicia yari yaje
kumusanga baba baratera inkuru…….
Aho Nina yabajije Delicia uko bahuye na Steve…..Delicia nawe
aramwiganira vyose uko vyagenze….amwiganira nuko Steve
yaza aramwiganirako…..umunezero we ari Nina we ubwiwe
yawutwaye…..kuko ngo burigihe yama amuvuga…..

Yioooooo,Nina mukumva uko Delicia ariko aramubwira
yumvako Steve yarakimufiseku umutima….
Nuko Steve yaragarutse…..asanga Nina bariko barayaga na
Delicia gusa nuko Delicia yarari mumipango yo kwisubirira
iwabo……
Nuko Steve mukugaruka Delicia yahise amubwira ati« Koko
ndishimye…kandi rwose»
Steve: kuberiki Delicia uriko uravuga uko??
Delicia: Sinaribwabone wishimye nkuko mbona ubu ivyishimo
arivyose….
Steve abura ico kuvuga….
Delicia: Steve nkuko wari warabimbwiye ko ivyishimo vyawe
ari Nina…..kandi Nina nawe ukaba wa mubonye….je we
ndategekanya kwisubirira iwacu ejo aho bukera…..
Nina: Oya…..Delicia koko je narintanguye kukwishimira none
ugiye kunsiga aha??.
Delicia: Nina utagira ikibazo kuko ufise uwuri vyose….uwo
mwamanye kandi azakwitaho ibihe vyose……
Yooooo,naho Delicia agira yigire Steve vyaramubabaje kuko
yamubaye hafi ibihe bitaribike…….Steve yagerageje gusaba
Delicia ko yoguma ngaho ariko Delicia aranko kuko yabonakp
bikenewe ko agenda….akabareka bakibanira……
Yooooo,Delicia agiye kwigira…….Nuko Delicia yegereye aho
mukecuru yari yibereye kuko nawe yarashaje ntiyaragishobora
kuza aragenda genda….Nuko Delicia yegereye Mukecuru ahita
amusaba imbabazi kukungene yamufashe nabi akiza…..Yoooo
o,Mama Steve yatahuye ko Delicia ko nawe atakabi ke….kuko
abonyeko ivyo yakoze yabikoze atazi ko uwo yafashe nabi
kiryaguhr ko ari nyina wa Steve….nuko mukecuru yamuhaye
imbabazi…..

Delicia vyaraminezeye kubonako agiye kuva murugo abasize
bamerewe neza…..
Nuko kumugoroba wuwo munsi Steve yasavye Delicia ko
boganira……bafashe akanya gato baraganira
Steve & Delicia
Steve: Delicia…..koko naho ugiue ivyo wankoreye
ndagusezeranya ko ntazovyibagira……kandi nzokwama
ndakwibuka…..
Delicia: Steve….erega naragukunda …..vyakabaye ngombwa
ko ndabigukorera….
Steve: Ok…. None se Ubuho urategekanya kuzoca
ujahehe..???
Delicia: Ndategekanya kuja kubana na Mama kuko harya hose
naje kubona wewe haheze imyaka ibiri ntazi iyo Umukunzi
wanje yahereye…..
Steve: Eeeeeehhhmmmm..Vyagenze gute??

Delicia yiganiriye uko vyose vyagenze amubwirako mukuja
kubura umukunzi we……nuko yaragiye gukora ikibazo
cigisoda…..bategekanya kuzoca bakora ubukwe……ariko ngo
yaje kwumva ko imodoka barimwo yaje kugira impanuka….ika
rwa mumanga …..NGO kuko ataburyo yarafisr bwo kuhagera
ntiyaje kumenya uko vyagenze munyuma……kandi Delicia ngo
yatanguye kwibazako yapfiriyemwo kuko atagakuru ke
yasubiye kwumva……
Yooooooo,mukumubwira ivyo Steve yaje kumenya ko Delicia
yarakundanye na…………………………….
………………………………..
……………………..
Eeeeeeebhh.MBE basha ubwo Delicia ntiyarkundanye na
Kenny….
Ko Steve aciye amera nkaho umengo Delicia… Uwo ariko
aavuga arumuzi……..

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s