RWAGIYE HE EPISODE 21


img_0853-20

RWAGIYE ❤ HE?

Episode 21
★★★★★ ★★★★★ ★★★★★

Nuko duheruka Steve yumviseko Delicia yarakundanye na Kenny….

Tubandanye…

Niko guhita abaza Delicia ati« nonese uremeza neza ko yoba yarapfuye?»

Delicia: Steve….ntakinyerekako yoba akiri muzima…kuko naramukunda nawe akankunda…bitarigushoboka ko yompemukira bigezaho atanashobora kuza kundaba…..nico gituma mvugako atakiriho….

Steve: nonese yari yitwa gute?..

Delicia: yitwa Kenny…

Steve mukumva ko Delicia yarakundanye nincuti ye…bahuriye mumagorwa amwe….Niko guhita abaza Delicia ati«Nonese nubu uramukunda?»

Delicia: Steve kuberiki uriko urambaza ibibazo nkivyo ugomba umuzure??

Steve: Oya….gusa wihangane…gusa ngirango yoba akihari…..

Aho hose Steve yavuga uko kuko azi neza ko Kenny akiriho….Nuko Steve yahise asaba Delicia ko yomukundira akongera akarara uwundi munsi umwe…..kuko yamubwirako harico agiye kumukorera kugira agarukane ivyishimo……

Delicia: Steve…oya ntiwigore ngo ushaka ko noshima….ahubwo tunganya urukundo rwawe na Nina mwibanire undeke jewe ngende….

Steve: Oya…Delicia ndagusavye basi unyemerere umpe uwundi munsi umwe ubengaha ndaziko uzo kwishimira uko bigiye kugenda…..

Delicia: nonese Steve ugiye gukora iki??

Steve: uzobibona…mpakanya gusa…

Nuko Delicia yaremeye………

Nuko bwaribwije bagiye kumeza basanga Nina na Mama Steve bari babategereje……Nuko bagiye kumeza aho steve yaza Nina be na Mama we ekana Delicia kuko bose uko ari batatu bari iyo Steve ababonye yarivyishimira cane kuko bagize ico bakora kugira abe uwariwe ubu….yabafata nkivyishimo vye……

Nuko amasaha yarageze baja kuryama aho Nina yariko arasezera Delicia amwipfuriza urugendo rwiza kuko yaraziko Delicia buca yisubirira iwabo…

Ariko Delicia amubwiriko urugendo rwe rwasivye…kuko azogenda kuwundi munsi uzokurikira uwejo….

Eeeeeehmmm…Nina yagize ukwikanga yibaza ivyo bariko baravugana na Steve kuko yumvako Delicia yasibije urugendo rwe kubera Steve…..ariko yarihoreye ntiyagira ibindi amubuza……..

Nuko bahita baja kuruhuka…..aho Steve yarasigaye aryamana na Nina…..Delicia nawe akiryamana nkumushitsi murugo…cokimwe na Mama Steve….

Nuko Steve yagejeje Nina kugitanda kuko vyamugora gushobora kwiyuriza kuko ataribwa kire neza…..bahita baryama …….ariko Nina yanka kuryama ahubwo abwira Steve ati« Steve nari nipfuzako tuganira»….

Steve: nonese kobwije ntiworeka tukaryama tukazo vugana ejo….

Nina: oya….nyihanganira koko umpe umwany atuvugane….

Nuko bose baricaye

Nina & Steve

Nina: Steve nonese ko Delicia agiye kugenda uzobaho gute??

Steve: oya yasibije urugendo azagenda uwundi munsi…

[[[Nina ivyo vyose yabivuga ariko yumviriza aho Steve ahagaze….]]]

Nina: oooooh….nonese Steve kugiye kumureka ngo agende kandi yagukunda…..???

Steve: Nina…..Delicia ubona urya twabayr incuti kuva aho ntanguye kubaka ino nzu namye nipfuza kuzuba kuva nakera …..Delicia yambereye umuntu wambere yanyitaho mugihe ntagira uwuntekera…..uwu mesurira ….ivyo vyose yabinkoreye mbonako Delicia arumwana mwiza aho naje guheza kwubaka inonzu ahita aza kwibera hano…. Tuba umwe…..ariko ngiye kumenya neza ko Delicia uno munsi aho ariwo munsi yanyibwiye ivye vyose….nkaza gusanga yarakundanye nincuti twigeze kugirira impanuka hamwe…umunsi nza mugisagara…..Akaza kwibazako yoba yaritavye IMANA….arinaco gituma twaje gukundana…..Ariko womenyako nyamuhungu ariwe yakugejeje kubitaro igihe bakugonga….uvuye ngaha murugo iwanje….

Nina: Nonese woba wamubwiye ko akihari ??

Steve: Oya…..namusavyeko…Ejo atogenda kuko ariho nzo zana Kenny bagahura bakongera bakibanira…..

Steve muguheza kuvuga ivyo Nina yari yamaze gukorora amosozi……bisankaho harivyo ariko aribuka…..

Steve aja muvyo kumuhoza amubaza ikibaye…

Nina nawe namarira menshi ati« Steve koko wambereye vyose…umpa icarico cose nashaka murukundo rwanje nawe…..
Bituma bingora ko nokwibagira ngo ngufute kumutima wanje….Nagutegereje igihe kirekire ntazi neza kukiriho kuko umunsi ugira impanuka murirya modoka nakubonye bagutwara kunderuzo usa nuwapfuye….nagize ukwiheba nta muhira nja kuba iwanyu mbana na Mama wawe ngiye kugira numveko we yoba yara menyeko woba ukiriho canke utakiriho……Nagutegereje igihe kirekire kugezaho Nja kwiga mugisagara ntazi yuko ukiriho…..Ariko nsiga ubutumwa ngo baze bakumpere nuramuka ugarutse…ariko sinigeze numva nuwumbwirako woba ukiriho…..Naje gusubira kwishure arinako naguma mpa tirizwa gukundana nuwo numva umutima wanje udashaka……ariko umusi umwe naje kumva inkuru yuko yuko atanumuntu numwe akihari mumuryango iwanyu…kuko na Mama wawe yari yaromotse harya mwari muba………Nuko Papa yaje ntumira ikete ndi mumwaka wanyuma ambwirako agiye gupfa kubera jewe umwana we….kuko namwimye ivyishimo ngo mfise abonkunda batakiriho ……ariko nagiye nanje gucika intege nkora ivyo abavyeyi bashaka ariko numvako umutima utabinyemerera…..aho naje kuza hano njengusanga ….kuko nari maze kumenya ko ukiriho…..nta ubugeni naringiye kugira…….Kubera wewe…..wantwaye umutima kandi numvako atawagusimbura……
Yooooo,Nina yagiye guheza kuvuga yamaze nogusarara kuko yabivuganye agahinda kenshi yagize ategereje Steve ko yogaruka……

Yooooooo,Steve yiyegereje Nina kuko yaramaze gutahura ukuri kukungene vyose vyagenze….kugira Nina akundane na Derrick…..yooooo na Steve vyamuteye agahinda….ahita asaba imbabazi Nina kuko nawe ivya mubayeko atariwe…..amubwirako yamwamiza kumutima ibihevyose….akama asaba IMANA ko igihe cogera agataha akaja kuraba uwo yakunda……ariko amubwirako yagiye kuva mugisoda asanga akiri kwishure……. Steve: Nabandanije nanje ntegereza kuzova kwishure…..arinako naje gutangura kwubaka inonzu naje kuza mugisagara ndakurabukwa ngize ngo ngukurikirane nkubona winjira mubiro wisomanira nuwo mwari mwishimanye….yooooo,Bose biganiranye uko bari baburane….

Nina : Nonese Cherie uracankunda..???

Steve: Chuchu….erega niwewe gusa ntawutavumva……

Yooooo,Bose bagaruye ivyishimo bisubirira murukundo rwabo……Nina aho yagumye mugituza ca Steve babandanya biterera inkuru……

Nina ati« Cherie nonese Mama wawe koyari yarabuze vyagenze gute??

Yoooooo,Steve yahise amwiganirira uko Papa we na Papa Derrick baje kamutera ubwoba ahita yomoko……

Nina: Chuchu nonese konziko Papa wanje yaguhora ko uri umukene …..Nonese ubu ukaba wifise dutegereje iki….Kugira mpamagare abavyeyi banje nincuti tukagira ubugeni…..

Steve: chuchu oya…..hari ivyo ndiko ndabanga kigira tuze tubeho neza…..

Nina: Cherie ukundi kwiza kubaho kuruta uko turimwo nukwahe???

Steve: Cherie…..twabayeho nabi kubwabandi…..mbura amatungo yacu kubwa bandi…Gusa Cherie ntawundi ntegekanya kuza rushinga nawe atari wewe……

Nina: Nonese Cherie uriko utegekanya kuzokoriki…..Cherie sinipfuza kuzokubura iyindi ncuro…..nsinzakureka usubire unsige ngaha jenyene hama uhite upfa…

Steve: Chuchu oya ningombwa ndabikore…gusa harimigambi ndiko ndapanga kuzobikoramwo kugira utazombura……

Nina: Chuchu nonese nibiki uriko urapanga…..Vyovyo vyagenze gute???

Steve yiganiriye Nina uko vyose vyagenze kumuvyeyi we yamuvyara aho yagambaniwe nabo bakorana amubwirako yagiriwe nabi na Papa Derrick aramwica ahita amunyaga amatungo ye yose….ariko Nagize IMANA….menya uko vyose vyagenze kuri Papa…..kandi yansigiye akazi ko kuzogaruza ivye vyose ……..

Yooooooo,Nina vyaramubabaje kumva Papa Derrick yakabaye ari umwicanyi……Nina ahita asaba Steve ko yomureka akagira ico amufasha…..anamubwirako bimwe mumatungo Yumuryango wo kuba Derrick afise itunga ryose rya Derrick….kuko yarimwanditseko……kandi ko na Papa we hari bimwe mumatungo ya Papa derrick yamuhaye….

Nina yabwiye Steve afise uko agiye kubikora kugira bagarure………….amatungo yose………………………….
………………………………..
………………………………..
………………………………..

Eeeeeeeh….mbe basha Nina agiye kubigenza gute ko asavye Steve ko yomuha umwanya akagira ico abimufashijemwo…..

Mbe basha Nina na Steve bazohava babana………

Kanda like na share na comment tubandanye na Episode 22

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s