RWAGIYE HE EPISODE 23

img_0853-22

RWAGIYE ❤ HE?

Episode 23
★★★★★★★★★★★★★★★★

Nuko duheruka Derrick asaba Steve ko aho bukera yoza agatora ivyo ashaka vyose…..

Tubandanye…

Nuko Steve bahejeje kuvugana na Derrick……Nina amubwira uko bobikora….vyose….Steve nawe ahita aja kubaza Mama we uko amatungo yabo Papa derrick yanyuruje yangana….

Mama Steve yagerageje kubwira Steve uko amatungo yabo yose yangana….Steve anabishira kurupapuro📃….

Nuko iryojoro baraye barapanga …..arinako Derrick nawe yapanga ukungene azofata mpiri Steve akongera akamwica….aho muriryojoro nyene Derrick yaraje abasirikare benshi cane mugace bavuganye ko bazohuriramwo na Steve aho bukera…..

✨✨


✨✨


✨✨

Nuko imipango impande zose yarapanzwe………ariko Steve yabigize ibanga be Mama we hamwe na Nina… Ntibagira abo babibwira uko bagiye kubigenza……
🌑
🌒
🌓
🌔
Nuko bwarakeye………..

Aho mubucagu cagu Derrick yatelefonye Steve amubwirako aza yamaze gushika aho bavuganye……

Steve: hhaahhaa…nkunda abantu nkamwe muzi kugira kuri gahunda…. ..ariko itegeko niri sinkeneye aho uza kuba uza kuba urikumwe nuwundi muntu…..

Derrick:Aaaaahh….ntanumwe turikumwe

Steve: Niyo wabirengako nanje ndaguhindurira……

Derrick yatanguye kwibaza uwo muntu nimuntuki avuga amajambo nkayo amukankamira bigezaho……bimutera ishavu rimwe rirenzr

Aho hose bavugana Steve yari yicaranye na Nina…..aho Nina yahise atangura gukorora amosozi…Steve abura icabaye…….Niko kumubaza ati« Cherie nibiki kukorora amosozi??»

Nina: Chuchu…kontanguye kumva ubwoba….???

Steve: Oya Cherie…. Ndibuze kubikora neza….witinya…

Nina: Oya Cherie ndagusavye ahubwo ubireke kuko sinipfuza kukubura….

Steve: Baby oya ……uziko nanje ngukunda kandi nkwitaho sinokwemera kukureka wenyene……

Nina: Baby nyezeza ko uzogaruka amahoro basi??

Steve: Baby ndabikwemereye…..nzinezako nzogaruka amahoro…kuko Chuchu uwuharanira ukuri ntiyigera aneshwa…..

Yooooooooo,Nina yaguye munda Steve anamuririra…..kugezaho na Steve ahakwa kurira…kuko Nina atipfuzako agenda…..

Nuko Nina yarunze yemera aramureka….amwemerera ko baza kubikora nkuko babipanze…
Steve yegereye Mama we aramusezera….Mama we amusabako atokora icaha cokumuta nkuko Papa we yamusize…..akamuta wenyene akigira…..Steve nawe yemereye Mama we kwazobikora…….

Mama we amusabako niyabona basi bigoye aze abireke baze bibere mumahoro……

Nuko Steve yafashe urugendo…..aho yagiye kuhagera aho bari bavuganye na Derrick ko bahurira…..ahita afata Telephone 📱 isankaho atari yayindi yahora akoresha mugutelefona Derrick…..nuko ahita atelefona Derrick amubwirako nawe yamaze kuhagera…..

Derrick: nonese nzanira urukundo rwanje nanje nguhe ivyushaka….

Steve: Ok, ibintu uko bipanze uribuze kuvyumva aruko duhuye amaso kuyandi👀…👀…..
.

Derrick : nonese tubonana gute kontariko ndakubona ahantu uherereye..,..

[[[[Aho hose Derrick yavugana na Steve hari hari abasirikare bakikije aho baribavuganye…..]]]]

Steve yabwiye Derrick ari amubwirako yoza ahamusanga…..

Derrick: nonese kuhinduye ikibanza caho twaritwavuganye koduhurira…..

Steve: Oya ico kibanza sindacizeye ….ahubwo nyaruka ndaguhaye iminota 10 ukaba utarashika aha urasanga Nina yapfuye…..

Nuko Derrick yabwiye ingabo ze ko ibintu vyahindutse….bahita bagenda kuba baribanga….aho bahejeje kuvugana na Steve……

Nuko Derrick mukugera aho bari bavuganye na Steve beningabo ze ….ariko zagira kureye kugira Steve ntahave abonako bamuzaniye abamwica……Rero mukuhagera yasanze atanumuntu numwe ahari…..ahita atelefona kandi Steve 📞

Derrick: Nahageze…..nonese kontariko ndakubona…??

Steve: oya wagize ugucererwa nahise mpindura ikibanza kuko nakwiketseko woba ufise iyindi mipango…..ariko nkaguha ayandi mahirwe yanyuma nguha iminota 6 unsange ahondi ubu….niwateba ivyushaka urasanga vyabaye nabi……

Nuko Derrick ntaco yarengejeko ahita yongera kubwira absirikare be ko nubundi bihindutse……….Abasirikare base kubandanya bajuragizwa cane….numuntu batazi batanabona….bahita bigira…..

Derrick yagerageje kubasabako bomuha ayindi ncuro yanyuma bakarabako bahamusanga ngo niyobatahamusanga bahite bigira…..

Ariko baratinda baremera kuko yari umuntu w’umukuru bubaha….ariko akaba yariko abakoresha ibintu bitajanye namategeko…………

Nuko bongeye kwipanga aho Steve yababwiye……..Derrick kandi mukuhagera asanga Steve ntawuhari ntanumuntu akakaza…….

Yongera gutelefona Steve amubwirako ariwe afise gutanga itegeko kandi amutwara uko ashaka naho ngo niyanka ahita yica Nina…….

Yoooooo,Derrick yaraburabujwe….bimwe biteye ubwoba….abura ico yokora kuko atabona uwo bariko baravugana….ariko akabikora kubera urukundo amukunda…..

Nuko yongeye kugenda aho yamurangiye kwari….ariko atanumusoda numwe amukiri inyuma kuko bari batanguye kwibazako yoba yasaze…..

Nuko Derrick yagiye guhura na Steve yacoce…….Aho yamugeze imbere yumva umengo yomwica kuko yasanze yariko aruhira ubusa kuko Nina batarikumwe na Steve…….

Derrick & Steve

Derrick: koko wambabariye ukanyereka…Nina ahari..

Steve: ubabajwe nikintu gito cane….uribuze kumubona..gusa ndakekako aza yaraguhimvye kuko wamutaye…..

Derrick yakoroye amarira kubwa majambo Steve yamubwiye……..atangura kubaza Steve igituma yanyuruje Nina…….nawe amubwirako azobimenya mubihe birimbere ……….

Nuko Derrick yatakambiye Steve ngo amwereke Nina……

Steve amubwirako aribuze kubona aruko amanje….kuzana impapuro zamatungo yabo……

Nuko Derrick nawe yari yazigendany kuko yarazi ivyo bamusaba……….kuko Derrick Amatungo yumuryango we wose yariyandutswe kuriwe yarafise uruhusha rwogukora icarico cose ashaka kumatungo yabo…….

Nuko Steve yasomeye Derrick urutonde rwamatungo yipfuza kugira abone Nina…..

Derrick biramutangaza kubona Steve ivyakora bisankaho yoba yarazi neza uwo muryango hamwe nivyo bafise vyose……

Derrick: Nonese wewe uri umuntu ki??watumwe nande??

[[[Derrick yatanguye kubaza ibibazo asankumuntu yataye umutwe(atatahukiwe).]]]..

Steve: hahhhaaha…nakubwiye ati uzomenya mugihe kirimbere naho ubu ntushobora kuntahura…..

Derrick: Ego basi…Nina hoho yoba akiri muzima ko ntariko ndamubona kandi nakuzaniye ivyo ushaka vyose???

Steve: Nzineza ko atakindi caduhuje ngaha atari kugira tugire ivyo duhana………Ninaco gituma uza kubanza gusinya kurizo mpapuro ko utanze ayo matungo….hama uze kubona….Nina….

Derrick: Oya nukuri ndakwinginze umanze umbwirehoho koyoba agihema…..ndakwemereye ko vyose ushaka nzakubiguha…

Steve: ok, kugira ushire amazinda….fata telephone 📱 mwivuganire wumve nuko amerewe murikano kanya…….

Nuko yamuhaye Telephone Derrick muyushira kugutwi yumva Nina asankaho arikurira…..kuko yumva arikubabazwa cane….

Derrick: Chuchu…..wihangane koko ndumva urushe ariko vyose ngiye kubikora….

(((Nina nakajwi😠 kumubabaro)))

Nina: Oya ntarukundo rwawe….kuko uravye ukuntu ndiko ndababazwa……ntuba uriko uranyita umukunzi wawe…

Derrick: oya Cherie ndagukunda kandi sinipfuzako vyobandanya biruko….

Nina: nonese Cherie ntiwobaha ivyo bashaka hama bakandeka??
…..kuko ndababajwe……

Derrick yahise asinyira Steve vyigihuti huti kumpapuro 4📃📄📑……zari ziri mumatungo bari bafise….

Nuko Steve yafashe zampapuro ahita aha telephone 📱 Derrick……amubwira ati« nguyu Nina afise telephone nonaha yifate muvugane akubwire aho umusanga…..naho niyuhateba urasanga ari mugupfa…..

[[[[[Aho ivyo vyose Steve yabigize uko kugira Derrick adahava amutegurira iyindi mipango]]]]]

Nuko Derrick yafashe telephone avuga na Nina asankaho haraho ariko aramurangira……amubwirako abohewe ahantu mumanga ariyo bagiye kumuta……….Steve nawe ahita yifatira imodoka ye arigira kuko ivye yarabirangije……..

Derrick nawe abandanya ashakisha aho yumva ko Nina bamusize……aho yagiye kugera kuri nyakimanga agasanga Nina niho yicaye yimereye neza yaranavyibushe…….Ahita ashika amuyambira arinako akorora amosozi..

Nina aramwihweza ariko arihorera amera nkuko ameze kugira ntabitahure….nuko yaramufashe aramutahana………

✨✨


✨✨


✨✨

Nuko tugarukd muhirw kuba Steve aho bari muvyishimo be na Mama we kuko bari bahejeje kugarura amatungo yabo……

Uwo munsi wabaye ivyishimo ariko Steve we yaguma yibaza kuri Nina ico arigukora kwa Derrick….. Akiyumvirako azohava yicwa….ariko akaza gusubiza umutima hamwe yibutseko Nina yamubwiyeko vyose azobitunganya…………………………….,……….
…………………………….


✨✨


✨✨

Nuko ibihe vyaragiye aho Steve yaje gutamgura gutunganya neza ivyahoze arivyse kuko yari yamaze kubiahikamwo nka nyenevyo……Yahinduye abakozi ashiramwo abo yizera abahoze ari incuti ye…..Aho yahise agira umukuru wabakora mumahinguriro ye ….Kenny…………………

Ubuzima bwaje kuba bwiza gusumba….kuko atanuko Derrick yigeze yipfuza kwongera kurondera ivyamatungo ye…..kuko ryari ibanga rye…nabavyeyi be batigeze bamenya ko amatungo yose yayatanze…kuko vyose bari barabimwanditseko bakabimushinga akaba ariwe yamenya uko biriko biragenda…………………
.. ……………….
………………. ……………….

Eeeeeeh mbebasha biragenda gute hagati ya Derrick na Papa we niyamenya ko amatungo yose yariwe…

Eeeeeh,…hoho Derrick niyamenya ko Nina na Steve bamukinye bizogenda gute??

Hoho Nina azobigenza gute?

Kanda like na share na comment yawe hama tubandany na Episode next final 24…..

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s