RWAGIYE HE EPISODE 9

img_0853-8

Episode 9
★★★★★★★★★★★★★★★★

Duheruka Mama Steve ahejeje gusoma ikete Steve
yamwandikiy.
..
Tubandany
Nuko yahise atangura kurira kuko yabonako umwana we
azohava apfirayo…..Kuko Mama we atari yishimira nibintu
vyigisoda kuko abishe Umugabo we bari abasoda….Yemeye
kureka Steve aje mugisoda kuko yari amahitamwo yeeee..

Nuko Steve yaje kugenda kurugamba ategekanya ko
azogaruka ahite arondera Nina bibanire……Nina yaje gusigara
kwishure atazi yuko Steve yoba akiriho canke ko yapfuye kuko
atamuntu numwe yigeze amubwira ivya Steve haraho yagera
akibazako Atoba akiriho……!!!
Arinako Derrick abandanya amutesha umutwe kuko derrick
yakunda Nina bimwe vyo gupfa ariko Nina nawe yarafise uwo
yahaye umutima we wose naho atamubona….

Nuko imisi yaragiye ibihe biha ibindi…..Umusi umwe aho
Derrick yagarutse mukigo cishure kuba Nina……Mukugerayo
Derrick yahamagaje Nina ngo bagire ivyo baganira Nina
yaritavye….
Derrick & Nina
Derrick: Bite mukundwa wumutima wanje?
(Nina yaramuravye ahita yimyoza kuko Nina abonye Derrick
yarasesemwa ntiyigera yishimira inyifato za Derrick kuko
yarafise inyifato zabana bomugisagara……….)
Nina: ni sawa!!

Derrick: Nina kukikoko utanyishimira numusi numwe iyonje
kukuraba??
Nina: umbabarire usanze nariko nditegurira ikibazo woshobara
kundeka nkaja kubandanya niga hama ibindi tukazobivugana
hanyuma??
Derrick: Ego mukundwa….Nina niwwe wantwaye umutima
naho udashaka ko tuvugana ndagukunda….
Nina: Derrick koko mbabarira kuko nanje mfise uwo
nakunze….Yantway umutima ntumvako nomuhemukira…
.kandi urabeho….
Nina yahise yigira asubira kwiga….
Derrick yishwe nishavu nakantu yibaza ico yokora ngo Nina
amukunde…..Ariko arabura….ahita ataha aja murugo
kwase……
Mukugera murugo iwabo kwase yasanze Papa we afise
abashitsi bahita bamanza kuja ahihishe baja kuganira…….

..Haheze iminota 20 nuko basohoka Papa we amubwira ati«
Mwana wa reka ngire ico ndagufasha kugira umuronke…»
Derrick: Papa koko ugira umfashe??
Papa we: Ego mwana wa….
Derrick yaguye munda Papa we kuko agira agire ico
amufashije mukugira aronke Nina…..
Nuko bwarakeye kare mugatondo aho Derrick yari yaraye kwa
Papa we kuko yariyaje bwije….Niko Papa we kuvyuka
mugatondo afata imodoka amubwirako afise ivyo agiye
gukemura kugira Abone Nina…..amubwirako yobandanya
agerageza umukobwa nawe haraho agiye kumufashiriza…..

Nuko Papa Derrick akigenda Derrick nawe yafashe imodoka
ye numusoda bama bajana…….asubira mukigo aho Nina
yiga……!!!
Nuko Nina nawe yari yavyukiye muri Sport kare mugatondo
wenyene aho yari yasize Ange aryamye….
Nuko Derrick mukugera mukigo yatumyeko Ange incuti ya
Nina……bahita baja ahabo baraganira…….
Derrick & Ange
Derrick: Umbabarire kubona ndagukuye mutwo warurimwo….
Ange nawe kuko yishimira abatunzi ati« oya ntaco kabsa»
Derrick: ok,murakoze kutwihanganira!!!!

Ange: Egoo,…Ariko se kuberiki unzany hano.?
Derrick: Ooooh nivyo nyene ngiye kukubwira..!!
Ange : ngaho mbwira twumve!!!
Derrick: Ange nzinezako Nina ari inshuti yawe…..Kandi nziko
munavugana mvyinshi …….kuki Nina yanyanse??
Ange:Derrick, koko Nina ivyiwe biragoye ………….Kuko
ukombona naho wogira gute nkeka atohinduka kuko afise
uwoyikundira….
Derrick: Ange,,, Nina ndamukunda rwose gerageza ugire ico
umfasha ndakwemereye kuzoguha ico ushaka…
Ange mukumva Ko ashobora kuronka ico ashaka agize ico
amufasha…..yahise amwemerera kuzo bimufasha…..

Nuko babandanya bayaga
Derrick:uwo muntu bakundanye ninde afise iki kiruta ivyo
mfise??
Ange: Umbabarire ariko nanje sindamubona gusa ivye vyose
ndabizi kuko yaramumbwiye….
Derrick: Mbwira rero uwariwe!!!
Ange yahise amubwira ivya Nina vyose uko biri…anamubwira
ko na Nina ataziko Uwo yakunze atazi neza ko yoba akiriho….
Derrick mukumva ko Nina akirikumwe nuwo bigeze guhurira
muri yasabukuru ye….yumvise yishimye kuko yabonyeko uwo
Nina akunda ataco amurusha ashobora no kumwicisha…..
Nuko Derrick yashimiye Ange kubwo ubufasha
amuhaye….anamusaba ko yobandanya anamugeragereza
Nina kugira ahinduke…..
Nuko inyuma ya masaha abiri turabona Papa Derrick iyo yari
yerekeje…Turabona arimurugo kuba Nina aho yariko
aravugana na Papa Nina…..

Papa Derrick &Papa Nina
Papa Derrick: Wesha wamugabo we ivyo nagusavye
vyarakunaniye???

Papa Nina: oya kabsa….Ndacagerageza….gusa nuko naciye
manza kumurungika kw’ishure …..
Papa Derrick: Koko ushatse kuvuga ko azoheza baca babana
numuhungu wanje??
Papa Nina: Ego ndabigusezeranya…..Nzokora ukonshoboye
kwose azogaruke yarikuyemwo kagahungu bakundana…..
Papa Derrick: Ushatse kuvugako kagahungu nubu
bataratandukana??
Papa Nina: Ndakekako bata kibonana kuko atakiri ino!!!!!
Papa Derrick yumvise ishavu ryokumva ko umuhungu we
abuzwa amahoro numuntu atanico amaze……yahise asaba
Papa Nina ko aho bukera boja aho nyamuhungu aba hama
baka mwica kugira umuhungu we babane numukobwa
wabo……Nuko Papa Derrick yaraye aho….ariko ararana
ishavu….anavugako buca yica umuntu…..
Yoooooo,Mana nuwo bahigira ntibaziko asigaye ari umuntu
yifitiye ubuzima atanuko arinomurico caro……

Nuko bwarakeye aho Papa Derrick na Papa Nina bavyutse
baja guko ikibi bari baraye bavuga……
Nuko bageze kuba Steve ……..mukugeraho Papa Nina
yabanjije asigara inyuma……Papa Derrick aba ariwe ubanza
imbere………
Papa Derrick yaradodoye kuba Steve…..Nuko Mama we Steve
aba ariwe aza kumwakira kuko arinawe waruhari………
Nuko Mama Steve yuguruye umuryango muguhuza amaso na
Papa Derrick umutima urasimba…….Na Papa Derrick nawe
nyene arakanguka agira ukwikanga………………
…………………………….
………………….
Eeeeehh,MBE basha ko bikanze bose habaye iki?? Haraho
boba bazinany??

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s