RWAGIYE HE EPISODE 24 FINAL

img_0853-23

RWAGIYE ❤ HE?

Episode 24 final……
★★★★★★★★★★★★★★★★

Nuko duheruka Derrick yaragavye amatungo yumuryango kubwa Nina…..

Tubandanye…

Nuko Steve yaje kuroranirwa mubuzima arinako yaguma arindiriye Nina ko yogaruka…..

Aho yarasigaye ari umugwiza tunga umwe kirumara mubuzima bwigihugu…ariko we ntiyigeze ashaka kwibonekeza nkumutunzi….

🗽
🗽
🗽
🗽
🗽
🗽
🗽
Nuko tugaruke mumuji kuba Derrick inyuma yaho Nina abonekeye…..

Aho Derrick yari yagiye kuramutsa umuryango we ……aho bariko barayaga

Papa Derrick: amakuruya we mwana?

Derrick: nimeza Papa….

Papa Derrick: mwana wa numvise ngo Nina waramubonye…nivyo??

Derrick: Ego Papa ubu araho…..Gusa nuko kugira ndamubone vyantwaye itunga ryinshi….

Papa Derrick: Vyagenze gute mwana wa……

Derrick: Papa urabiziko Nina namukunda Mandi nubu ndamukunda…….Nuko bari bamunyuruje arababazwa…..igihe kirekire…aho naje kumva telephone impamagara bansabako nobaha itunga kugira mbone Nina…… Nagerageje guhenda henda uwuntelefonye ngo ampe tuvugane na Nina… Nuko naje kuvugana na Nina numva neza naneza ariko arababazwa…anambwirako bamuhora itunga ryacu….Nkuko rero namukunda….naje kubikora uko babisavye duhura nabari bamufashe…..ndabaha bimwe mumatungo yacu…nanje bampa Nina……

Papa Derrick: Nonese wantanze iki niki??

Derrick yamudondaguriye amatungo(amahinguriro..,amazu meza..,ibibanza..)yahaye Steve…

Derrick yapfuye guheza kuvuga Papa we aba amukubise ikofi….

[[[Papa Derrick nishavu ryinshi]]]].

Papa Derrick: urigipfu…….nakubwiyeko wewe ukiri umwana wanka kunyumva ndakubwira undeke ndavyikorere uranka….kumbe ugiye kugaba amatungo yanje??…….Uzi uko nabironse wewe kowavutse ubisangaho..??

Derrick: Nonese Papa umpoyeko nabikoze kurya??

Papa Derrick: Nonese wewe witeze kuzonsubiza amatungo yanje??…….

Derrick: oya Papa….Nonese washaka kongira gute ko Nina ndamukunda…kandi nkaba nagomba kumukura aho yarari!!

Papa Derrick: Warabikoze ariko Amatungo N’urukundo ntahobihuriye….Amatungo nikintu kiruta vyose…..warikureka agapfa aho guca utanga itunga ryanje ryose….

Derrick: Papa ngwiki…?? Wehose ntatunga wagavye ukarigabira Papa Nina yagukoreye iki kugira umuhe ibingana kuriya…..??

Papa Derrick: birya vyose nagize nabikoze harico nshaka gushikako…..Nagombako tuba incuti na Papa Nina niyovyamara gukomera ndamwake nivyo afise vyose…..ndabicishije kuri wewe….

Derrick: Ntakubeshe ufise imigambi mibi….. Kandi atanaho yokugeza…

Papa Derrick: wewe rero niyo ibintu vyanje bitakunda sindonke ivyo nkeneye….witege urupfu…..Kora uburyo bwose bushoboka ubane na Nina hama mbone irindi tunga nahubundi nawe ndakwica…….

[[[Derrick yihweje Papa we akanya katarigato]]]

Derrick: Icobivuze ngo nuko uruhigi rutanguye…

Papa Derrick: Ego bibaye ngobwa kodusubiranamwo…..

Derrick yahise yigira aho ariko anababaye rwose kuko atumva ukungene yohangana nuwamuvyaye…..

✨✨


✨✨
✨ ✨
✨✨

Nuko Ubuzima bwa Steve bwaje kuguma buba bwiza aho yaje kubakira inzu🏭 nziza umuryango we yarasigarane ariwe Mama we hamwe nincuti ze…..ivyo vyose yakora bikaba vyaguma bimwongerereza imigisha…..
🌙
💫


✨✨
💫
🌙
Nuko igihe caje kugera Derrick yongera asaba Nina ko boshinga urugo rwabo bakibanira…..ariko Nina agerageza kumusaba amananiza ngo ahave abivamwo ariko vyose Derrick arabimwemerera….

Nuko Nina yaje kubwira umuryango we ko atipfuza kubana na Derrick kuko Uwo yakunze akiriho….anababwira uko ameze…..Aho Nina yaje kubwira abavyeyi be ko Papa Derrick ashobora kubica niyo yamara kubana na Derrick…..kuko Nina yari yaramenye akabi ka Papa Derrick……

Ariko Papa Nina yanka kuvyumva ….,..ahubwo amuha itegeko ryokwemera akabana na Derrick kugira itunga bahawe barigumane..,….

Nina yagerageje kwinginga Papa we ngo arekane nivyo kuba Derrick kuko Papa Derrick ari umuntu mubi rwose….ariko Papa we yanka kuvyumva…..

Nuko umunsi umwe…., Derrick yongeye kwibutsa Nina ko yipfuza kubana nawe…Niko Nina guhita amubwira ati « Derrick ndazi neza ko unkunda kandi unyitaho ariko jewe ndatinya….!!!

Derrick: Chuchu…utinyiki koko??

Nina:Nshobora kwicwa …..!!!kuko sinzi umuntu ariko arankurikirana…..nacagihe nafatwa bampora wewe…

Derrick: oya chuchu….nyemerera nzokurinda abansi….nzokora uko nshoboye ube mumahoro….nyemerera ko tubane ndumva nzoba muvyishimo bidaherq niwemera tukabana….ariko niwa nyankira ndumva uzobihorwa….

Nina yiyumviriye uko yibwira Derrick..ko atamushaka ariko arabibura….kuko yatinyako yohava aca arondera Steve akamwaka yamatungo akanamwica…..Niko guhita amwemerera avuga namarira menshi nkuwu hatirijwe ikintu….

Ahita avaho yiruka kuko yumvako yemeye ivyadashoboye…..Derrick yagerageje kumwiruka inyuma…ngo amuhagarike ariko Nina yanka guhagarara.,……….
👣
👣
👣
👣
👣
👣
Nuko turabona Nina ari muhira iwabo ariko ararira yocuza yobaza igituma yitaye muvyo adashoboye akaja gukundana numuntu adashaka…….Nina yakomeje kurira aho Mama we yaje kumwegera….aramubaza ikimuriza Nina nawe amubwirako ariko arizwa nuko ubuzima bwumuryango wabo bugeramiwe…..

Mama Nina: bugeramiwe gutese…..Nina….??

Nina nuko yagerageje gusigurira Mama we ivyamushikiye….inyuma yokuja kure yumuryango…..amubwirako yaje guhura na Steve yarabaye umurwiza tunga………anamubwira nukungene yatunze….nukungene umryango wabo wishwe…kubwa Papa Derrick kandi bari incuti bikkmeye be numuryango wa ba Steve.,…….amubwirako arico gituma rero atipfuza kubona bica umuryango wabo………..

Mama Nina nawe yumvise bimuteye ubwoba kumva ivyashikiye Umuryango wa Steve konabo vyohava bibashikira…….Nuko yemereye Nina ko harico agiye gukora bakava aho murako gace…..

Nuko Derrick yaje gutelefona Nina amubaza ivyamubayeko kugira atahe atamusezeye…..

Nina: Mbabarira koko harakabazo naringize mumutwe….

Derrick: oooooh…ok.ntakibazo….Ariko nagomba nkumenyesheko nahejeje gutanga ubutumire bwubugeni bwacu….

Nina: Eeeeeeeeh ngwiki?? Ko uvyihutishije…?

Derrick: oya Cherie sinavyihutishije ahubwo iyo biba ibindi biba vyabaye kuva kera……

Nina: Ooooooh…gusa ndumva umengo bizongora….

Derrick: Oya ntagishobora kukugora turikumwe kuko kukubona wacanganikiwe bintera ikibazo nkahakwa kwiyahura….

Nina: Ooooooh…..vyiza

Derrick: Ego Cherie ahubwo nagomva ndanakwibutse ko nkukunda…

Nina: oooooh…vyiza…

Derrick: Nonese chuchu weho kumengo ntunyishimiye??

Nina: oya….ndakwishimiy…

Derrick: Ok…..

Nina: ahubwo bye…numva ndushe reka nduhuke…..

Nina yavugana na Derrick adashaka…..[[[ivyobita (kwikurayo)]]]
Nuko Nina yugaye telephone ye atangura kwibaza ico yokora kugira Derrick amuveko arikk abonako Derrick yoca yiyahura….ariko yabonako atakundi ategerezwa kuzomubabaza…….
🌑
🌘
🌗
🌖
🌕
Nuko bwarakeye…..,aho Nina yavyutse….asanga abandi bari kumeza barikunywa akayi☕…..Nuko nawe yacaye afata kucayi…bongera baganira be numuryango we……aho Nina yababwiyeko yemeye kuzorushinga na Derrick bose barishimira ingingo Nina afashe….,……..

Vyashimishije cane Papa we aho Papa yahise abwira Nina ati« Mwana wa nkunda ukuntu unyumvira rero nanje ndakwemereye kp ico uribuze kunsaba cose ndakigukorera nkumwana wanje nkunda cane……

Nina: Papa koko wemeye kunkorera ico ngusaba cose???

Papa Nina: Ego mwana wa….

Nina yongeye gusaba abavyeyi be kandi ko bokwemera bakava aha muraka gace…..

Papa Nina kubera yari yamwemereye kumuha icoyipfuza cose…. Ntaco yabajije yahise avyemera…..

Bemera kuzova aho mumuji bakaja ahandi Nina akahasigara wenyene kuko yari yiteze ubukwe….

Eeeeeeeehh…mbebasha Nina ibinibiki ariko arapanga gukora…..

✨✨

✨✨

Nuko igihe carageze abavyeyi ba Nina berekeza ahandi mukandi gace kibanga…rya Nina hamwe nabo….

Nuko Nina nawe asigara arategura ingene yova mumaso Derrick….Nuko yajr kurondera Ange yancuti ye…,..Bongera bapanga ivyubugeni ariko arinako Nina amubwira ibindi bizoba kumusi wubugeni………

Nuko Ange yamwemereye kumufasha nkincuti bamanye igihe cose..,……

✨✨

✨✨

Nuko wamusi waje kwegereza aho kumunsi wahaca haca haba ubugeni Nina yatelefonye Steve amubwirako arimukuza kumusanga kuko asanzwe anamukunda……

Steve nawe amubwirako nawe intuntu irimukumwica…..

Nina nawe amubwirako yokwihangana habura gato ngo amushikire……







Nuko amasaha yakomeje kugenda arinako umunsi wubugeni wegereza ……..

Aho Nina nko mumasa 12:20….yarari kumuganga……aho yamusaba ko yomuha umuti ushobora kumwica ikiringo camasaha 29h…..Muganga yagize ubwoba amubaza igituma aje kubikora…..nawe amubwirako bibaye ngobwa ko abikoro…..
Nuko muganga yagiye azana nyamuti ariko amubwirako niyawunywa afise ubwoba ushobora kumwica amusabako yowunywa yitonze……

Nuko Nina yemeye kuza kubikora…neza cane..,….
🗽
🗽
🗽
🗽
🗽
Nuko tugaruke kuba Derrick aho yariko araganira na Papa we amubwirako ivyo yamusavye avugako azoca amwica agiye kubikora………

Papa we yaramushimiye nkumuntu wumugabo…..ariko amubwirako nubu akobabazwa nitunga rye yataye….ariko nawe amuhumuriza amubwirako kwatakundi vyarikugenda…….

Nuko bahita batangura gutegura urubanza….
🗽
🗽
🗽
🗽
🗽Tugaruke kwa Nina naho aho yariko yandika amakete abiri kandi atandukanye…..

Rimwe yaryandikiye Derrick 📃irindi 📄Steve yose ayaha Ange amubwirako niyo atavyuka aze arondere Steve amuhe ubutumwa bwe….na Derrick amuhe ubwe…..

Ange yagize akababaro hamwe nubwoba atangura kubuza Nina ngo ntabikore ngo yihe ishano…..ariko Nina amubwirako bibaye ngobwa kwabikora…amusezeranya ko azogaruka…….

Nuko Nina yagiye kugitanda ce asaba imbabazi IMANA kubwivyo agiye gukora……..ahita anwa nyamuti ahita atangura kujugumira….atumutwe….ahita arwa kugitanda……..

Nuko bwarakeye abantu bose baza kuraba ivyabaye Derrick mukuhagera asanga muganga ahejeje gupima icamwishe ahita amuha Nikete ngo yasize Derrick yasomye ikete afise agahinda kenshi arinako amarira amukorokana Mama we yaje amwegera amufata kumutima amusabako yokwihangana ivyababy vyabaye…..Ariko Derrick kubwo umubabaro mwishi yasavye Mama we ko yomwegerwa kure….Derrick yarasanzwe anavuye kukazi niko guhita afata inkoho yarafise ahita yirabisha kumutwe….bagiye kumufata aba arirashe💥 bitangaza benshi binababaza benshi…aho Mama yagiye amugurwa ati « umwana we arapfuye»

Nawe nyene Ahita atora yankoho arirasa Papa Derrick abonye umugirewe yirashe vyaramwanse abura ico akora ararira bimwe vyabana…..abantu mukubonq ibibaye bahita bafata Papa Derrick ngo nawe ntahave yiyica….agerageza kubasaba ngo bamureke ngo nawe yigire ariko biba ivyimpfa gusa………….nuko Babatwaye kwamuganga gihuti huti ngo barabeko basi horokoka numwe….ariko navyo vyabaye ivyimpfagusa Papa Derrick yararize arahogora banamubwirako atanumwe ashobora kurokoka arinavyo vyatumye ahuta aba umusazi atangura kwiruka…………..

Tugaruke kuruhande rwa Nina aho ange hamwe na Muganga umwe yamuha wamuti bamuguma haruhande barindiriye kwakanguka ngo bace bamuhungisha……ariko nabo bari bafise ubwoba bwuko wosanga Nina yanyoye umuti nabi….ariko bakomeje kurindira kugezaho amasaha 28 ahera atanuko arinyiganza Ange atangura kurira ngo incuti ye iramusize.,……..ariko muganga ageragezs kumuhumuriza ko amasaha ataragera ngo akanguke………

Ariko na muganga nawe yarafise ubwobo bwuko umuti yamuhaye kowoba udakora………

Ariko amasaha yaje kugera Nina arakanguka #bashimir’IMANA….kubona akangutse ange ahita amutwara kure…..kuko ataribwatore ubwenge…..

Nuko Yamutwaye kure yo mumuji azagutora ubwenge bageze iyo Baja…..aho Ange ya bwiye Nina uko vyose vyagenze amaze kwipfisha Nina ararira mukumva ivyo yatumye biba…..ariko abonako atakundi aho yahise atira mitend afata icemezo cogusubira kwa Steve kuwo yakunze….

Nuko yageze kwa Steve ivyishimo biba vyinshi…….barishimana bahita batangura ubuzima bwabo bushahsa………

Aho Nina na Steve baje kwibaruka abana babaho mubuzima bwurukundo numuryango wabo atanico binona…..babonako ataho Rwagiye!!!!!!

The end🔚🔚🔚🔚🔚🔚

Advertisements

Leave a Reply

Please log in using one of these methods to post your comment:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s